Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Jewe nari nsanzwe nzi k’unyumviriza ubudasība, ariko mbivugishijwe n’ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere kw ari wewe wantumye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Ndazi ko wama unyumva, ariko ibi ndabivuze ku neza y’aba bantu bahagaze hano, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:42
27 Referans Kwoze  

Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Arikw ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w’Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw izina ryiwe.


Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n’aba na bo bamenye kw ari wewe wantumye.


kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.


Kandi n’ubu ndazi kw ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha.


Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika basāga legiyono cumi na zibiri?


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


Bun’ Abayuda bāri kumwe na Mariya mu nzu bamwirura, babonye avuye hasi n’ingoga, asohotse, baramukurikira, bagira ngw agiye kuririra ku mva.


Yesu arababgira, at’ Iy’ Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye.


Kand’ uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara.


Kandi naho jewe noca urubanza, urubanza rwanje rwoba urw’ ukuri, kuko ntari jenyene, ndi kumwe na Data yantumye.


Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka.


kuko kubgiwe Abayuda benshi bābavako bakizera Yesu.


Nuko rya shengero rimushingira intahe, rimwe ryari kumwe na we hamwe yahamagara Lazaro ngw ave mu mva, akamuzura mu bapfuye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite