Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Yesu aravuga, ati Ni mukūreh’ iryo buye. Marita mushiki w’uwapfuye, aramubgira, ati Mugenzi, ereg’ ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Yesu arababwira ati: “Nimukureho ico kibuye.” Ariko Marita, mushiki w’uwapfuye aramubwira ati: “Mwami, honuka cane kuko amazeyo imisi ine!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:39
11 Referans Kwoze  

Nuko Yesu ashitse asanga amaze imisi ine mu mva.


Barabazanya, bati Ni nde adutembagariza ikibuye co ku munwa w’imva?


Nta n’umwe ashobora gucungura mugenzi we na gatoya, Canke guha Imana incungu yiwe:


azohindura imibiri y’ubufafara bgacu, ishushanywe n’umubiri w’ubgiza bgiwe, nk’ukw afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose.


kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’ urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’ umukungugu ni wo uzosubiramwo.


Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzotanga Uwera wawe ngw az’ abore.


Bacūrirwa i kuzimu nk’umukuku w’intama, Rupfu azobaragira: Abatunganye bukeye bazobaganza; Ubgiza bgabo i kuzimu hazobuhabga ngo habumare, ntibugire aho kuba.


Nta womucungura ngw az’ abeho ibihe vyose, Yoye kubona rwa rwobo.


ati Jewe ko nd’akavantara n’inyambukīra muri mwebge; none ni mumpe i wanyu aho nokwīzīzira ho guhamba, kugira ngo mpambe umuntu wanje amve mu maso.


Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’ Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.


Kur’ abo tur’ agacūku k’urupfu kazana urupfu, kuri ba bandi tur’ ubumote bg’ubugingo buzana ubugingo. Kand’ ivyo ni nde abishobora?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite