36 Abayuda baravuga, bat’ Eh’ ingene yamukunda.
36 Abayuda bari aho baravuga bati: “Ehe ingene yamukunda!”
Bashiki biwe batuma kuri Yesu, bati Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.
no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,
Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye.
Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura,
Kandi mugendere mu rukundo, nk’uko Kristo na we yabakunze, akatwigura, akatubera ishikanwa n’ikimazi bihabga Imana, umubabge umota neza.
Nukw Abayuda benshi bāri baje kwa Marita na Mariya kubirura kubga musaza wabo.