22 Kandi n’ubu ndazi kw ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha.
22 Ariko n’ubu ndazi ko ico usaba Imana cose ikiguha.”
Turazi kw Imana itumviriza abanyavyaha, arik’ ūyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza.
Yesu aramwishura, at’ Uvuze uti Namba wobishobora? Erega vyose bishobokera uwizeye.
Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.
nk’uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngw abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira.
Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.
Nsaba, nzoguha amahanga, az’ abe umwandu wawe, N’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe.
Yesu aramubgira, ati Musazawe azozuka.