Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Uwo Mariya ni we yasīze Umwami Yesu amavuta atāmirana ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uyo Lazaro yar’ arwaye ni we musaza we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 (Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta atamirana ku birenge vy’Umwami Yesu akabihanaguza imishatsi yiwe. Musazawe, Lazaro, ni we yari arwaye.)

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:2
11 Referans Kwoze  

Maze Mariya yābīra ingero y’amavuta atāmirana y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada, ayasīga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kand’ inzu yose itāmiranamw’ ayo mavuta.


Ar’i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe, yicaye arikw ararya, haza umugore afise ikebano ry’amavuta atāmirana, y’igiciro kinini cane, y’agati kitwa narada: amena iryo kebano, amavuta ayamusuka ku mutwe.


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


Bashiki biwe batuma kuri Yesu, bati Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.


Marita abgira Yesu, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.


Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, ati Mugenzi, iy’ uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye.


Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kukw ari ko ndi.


Nuko rero, ko jewe mbogeje ibirenge, ndi Shobuja n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite