Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nukw Abayuda benshi bāri baje kwa Marita na Mariya kubirura kubga musaza wabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya kubaremesha inyuma y’urupfu rwa musaza wabo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:19
28 Referans Kwoze  

Nukw abakunzi ba Yobu batatu bumvise ivyo vyago vyose vyamuteye, baraza, umuntu wese muri bo ava i we: Elifazi w’i Temani, na Biludadi w’i Shuhi, na Zofari w’i Nayama; baragana indagano kuja kumugarukirako no kumugandaza.


Bun’ Abayuda bāri kumwe na Mariya mu nzu bamwirura, babonye avuye hasi n’ingoga, asohotse, baramukurikira, bagira ngw agiye kuririra ku mva.


Nuko muhanūrane, mukomezanye, nk’uko mubikora nyene.


Nuko mwiruranishe ayo majambo.


itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n’Imana.


munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.


Nokubarira iki? Nokugereranya n’iki, ga mukobga Yerusalemu we? Noguhwanya n’iki kugira ngo nguhūmurize ga nkumi Siyoni we? Kuk’ uruguma rwawe ari runini nk’ikiyaga: ni nde yoshobora kukuvūra?


Ni wumve ingene nniha; nta wo kumpūmuriza ngira; Abansi banje bose bumvise ivyago mbonye; baranezerwa kukw ari wewe wabikoze: Uzotuma umusi washinze ushika, na bo bamere nkanje.


Ivyo ni vyo bindiza; amaso yanje, amaso yanje yisuka amosozi; Kuk’ uwompūmurije akandemesha umutima ambaye kure: Abana banje barapfapfanye, kuk’ umwansi yanyigamvye.


Ibiteye isoni vyaho vyashitse no ku myambaro yaho; ntihāri hārībajije ivy’ amaherezo yaho; Ni co catumye hacishwa bugufi bitangaje; ntihagira ūhahūmuriza. Uhoraho we, itegereze umubabaro wanje; kuk’ umwansi yishize hejuru.


Kirāra kirarira mw ijoro, amosozi agacunduguta ku matama; Mu bakunzi baho bose ntihafise uwo kuhirura: Abagenzi baho bose bāraharyarutse, Bahindutse abansi baho.


Maz’ abo bavukana bose baraza, na bashiki biwe bose, n’abāri bāzinanyi na we bose ubga mbere, basangirira na we mu nzu yiwe; baje kumugarukirako no kumwirura kubg’ ivyago vyose Uhoraho yari yaramutēje; umuntu wese amuha ihera ryitwa kesita n’impeta y’ izahabu.


Dawidi avyumvise aravuga, ati Nzogirira neza Hanuni mwene Nahashi, nk’uko se yangiriye neza. Nuko Dawidi arungika abantu bo kumugarukirako kuko yabuze se. Abo bantu ba Dawidi baragenda, bashika mu gihugu c’Abamoni.


Abahungu biwe bose n’abakobga biwe bose baza kumwirura; ariko yanka kwirurwa; ati Nzorinda mpamvya umwana wanje i kuzimu nkirira. Nuko se amuririra artyo.


Ibi vyompi ko bigushitseko, ni nde azokuririra? Ko haje ibitongozi n’ugusangangurwa, bo n’inzara n’inkota, nokuremesha nte?


Ni vyiza kuja mu nzu y’abagandaye kuruta kuja mu nzu y’intumire: kukw ari ryo herezo ry’abantu bose, kand’ ūkiriho abishirak’ umutima.


Maze bābīra amagufa yabo, bayahamba musi y’igiti c’umwesheli i Yabeshi nyene, baca barisonzesha kumara imisi ndwi.


abahizi bose barahaguruka, bakūrah’ umuvyimba wa Sauli bo n’iy’ abahungu biwe, bayijana i Yabeshi, bahamba amagufa yabo musi y’igiti c’ umweloni i Yabeshi nyene, baca barisonzesha kumara imisi ndwi.


Uwo yar’ afise mwene nyina yitwa Mariya, yicara imbere y’ibirenge vy’Umwami Yesu, yumva ijambo ryiwe.


arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.


Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde?


Hārih’ uwar’ arwaye, ni Lazaro w’i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita bābako.


Abigishwa baramubgira, bati Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, non’ usubireyo?


Yesu abonye kw arira, n’Abayuda bāri kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, arawuhagarika,


Abayuda baravuga, bat’ Eh’ ingene yamukunda.


Nuko benshi mur’ abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite