Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Toma ari we Hasa abgira abigishwa bagenzi biwe, ati Ngo tugende, dupfane na Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Toma (uwo batazira Ihasa) abwira abigishwa bagenziwe ati: “Reka tugende natwe dupfane na Yesu.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:16
12 Referans Kwoze  

Simoni Petero na Toma ari we Hasa bāri kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri.


Petero aramubaza, ati Mugenzi, n’iki kimbuza kugukurikira n’ubu? Erega nzonakwigura.


na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo,


na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni yitwa Zelote,


atoranya na Andereya, na Filipo, na Barutolomayo, na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo, na Simoni Umunyakananayo,


Petero aramubgira, ati N’iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana. N’abigishwa bose bavuga bartyo.


Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.


Toma aramubgira, ati Mugenzi, ntituzi iy’ uja, dushobora dute kumenya inzira?


Abigishwa baramubgira, bati Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, non’ usubireyo?


Aramubgira, ati Mugenzi, niteguye kujana nawe no mw ibohero no mu rupfu.


ariko kubganyu ndanezerewe ko ntāriyo, kugira ngo muze mwizere; noneho ni muze tuje iy’ ari.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite