Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 ariko kubganyu ndanezerewe ko ntāriyo, kugira ngo muze mwizere; noneho ni muze tuje iy’ ari.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 kandi ndanezerewe ku bwanyu kubona atari yo nari ndi, kuko muraja kunyizera. Nimuze tuje kumuraba.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:15
16 Referans Kwoze  

Ni co gituma nihanganira vyose kubg’ abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, gafatanije n’ubgiza budashira.


kandi nanje niyeza kubgabo, kugira ngo na bo babe bejejwe mu kuri.


Yesu arabishura, at’ Iryo jwi ntirije kubganje, ariko rije kubganyu.


Yesu avyumvise aravuga, at’ Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.


Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nk’ukw ihando ry’umuzabibu riboneka ko ririmw’ umutobe, bakavuga, bati Ntuwurandure, kuk’ ugifise ikimazi, uko ni ko nanje nzogira, kubg’ abasavyi banje, noye kubarandura bose.


Ni hagira abagutera, si jewe nzoba mbagomoye; abazogutera bose bazohindikirana imbere yawe.


Ivyo ndabibandikiye, mwebge mwizeye izina ry’Umwana w’Imana, kugira ngo mumenye yuko mufise ubugingo budashira.


Kukw ivyo vyose biba kubganyu, kugira ng’ubuntu bg’Imana bgongeranishwe n’ukugwira kw’ abantu, bugwize ishimwe, ngo ritere Imana icubahiro.


Ntiyakundira umuntu n’umwe kw abazingirikira, Mbere yahannye abami ababahōra,


Maz’ uhereye igihe yamugize umubgiriza wo mu rugo rwiwe, akamuzeza ivy’ afise vyose, Uhoraho aca aha umugisha urugo rw’uwo Munyegiputa, kubga Yosefu; umugisha w’Uhoraho uba ku vyo yar’ afise vyose, vyo mu rugo n’ivyo mu ndimiro.


Uhoraho amwiyereka iryo joro, aramubgira, ati Nd’ Imana ya so Aburahamu: ntutinye, kuko ndi kumwe nawe, kandi nzoguha umugisha, ngwize uruvyaro rwawe, kubg’ umusavyi wanje Aburahamu.


Buno Yesu avuga abifoboye, ati Lazaro yahwereye;


Toma ari we Hasa abgira abigishwa bagenzi biwe, ati Ngo tugende, dupfane na Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite