Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Amaze kuvuga ivyo, arababgira, ati Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ahejeje kuvuga ivyo, arababwira ati: “Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye; ariko ngira nje kumuvyura.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:11
25 Referans Kwoze  

Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumāramāre n’ibitētērwa bitazoshira.


Yamara Yesu yavuga urupfu rwiwe, ariko bo bagira ngw avuga kuruhuka kwo gusinzira.


ni we yadupfiriye kugira ngo tubaneho na we, ar’ iyo turi maso canke dusinziriye itiro ry’urupfu.


Ehe, ndababarira akabanga: ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa,


Araheza arapfukama, asemerera n’ijwi rirenga, ati Mwami, ntubaharūrekw iki caha. Amaze kuvuga artyo, aca aracīkāna. Kandi Sauli na we yarabishimye ko yicwa.


imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bāri basinziriye irazurwa;


Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.


Yinjiye arababaza, ati N’iki gitumye mukoma induru murira? Umwana ntahwereye, arikw arasinziriye.


arababgira, ati Ni muhave, kuk’ umukobga atāhwereye, arikw arasinziriye. Baramutwenga bamushinyagurira.


Uhoraho akīgānīrira na Mose imbonankubone, nk’uk’ umuntu agānīra na mugenzi we. Maze Mose agasubira aho bashagaje; arik’ umufasha wiwe, Yosuwa mwene Nuni, w’umusore, ntiyava kur’ iryo hema.


Kand’ icanditswe kirashika, kivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharūrako nk’ukugororoka; kandi yitwa umukunzi w’Imana.


Mushire ibirāre, mugororoke, ntimukore ivyaha: kuko bamwe batazi Imana. Mbivugiye kubatētereza.


Kand’ asangwa bimeze birtyo, n’abāsinziririye muri Kristo barayogeye.


Bashiki biwe batuma kuri Yesu, bati Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.


Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.


Ariko weho Isirayeli musavyi wanje, Yakobo uwo natoranije, ruvyaro rwa Aburahamu umukunzi wanje:


None ga Mana yacu, si wewe wirukanye abāba mur’ iki gihugu imbere y’abantu bawe b’ Abisirayeli, ukagiha uruvyaro rwa Aburahamu umukunzi wawe ibihe vyose?


Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe; kand’ iri hanga rizohaguruka, bahurumbire izindi mana nk’ibimaka, ari vyo bigirwamana vy’ico gihugu, aho bagiye kuja kuba muri bene co, bamveko, bice isezerano ryanje nasezeranye na bo.


Ariko Gehazi yari yarabītangiye imbere; ashitse, arambika iyo nkoni ku maso y’umuvyimba, ariko ntiyakakaza canke ngo yumve. Araheza aragaruka, ahūra na we, aramubarira, at’ Umwana ntakangutse.


Arik’ ūgenda mw ijoro aratsitara, kuk’ umuco utari muri we.


Nukw abigishwa baramubgira, bati Mugenzi, asangw’ asinziriye, azokira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite