Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 11:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hārih’ uwar’ arwaye, ni Lazaro w’i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita bābako.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari arwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 11:1
15 Referans Kwoze  

Nuko rya shengero rimushingira intahe, rimwe ryari kumwe na we hamwe yahamagara Lazaro ngw ave mu mva, akamuzura mu bapfuye.


Ishengero ryinshi ry’Abayuda rimenye kw ari ho ari, baraza, mugabo ntihāri kubga Yesu gusa, ariko kwār’ ukugira ngo barābe na Lazaro yazuye mu bapfuye.


Amaze kuvuga ivyo, arababgira, ati Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.


Abasigaho, asokoroka mu gisagara, aja i Betaniya, arārayo.


Mur’ iyo misi ararwara, arapfa: bamaze kwuhagira ikiziga, bagishira mu nzu yo hejuru.


Bashiki biwe batuma kuri Yesu, bati Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.


Bageze hafi y’i Yerusalemu, bashikira i Betifage n’i Betaniya ku musozi wa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa biwe,


Hanyuma y’ivyo babarira Yosefu, bat’ Umuvyeyi wawe ararwaye. Aca ahitana abana biwe bompi, Manase na Efurayimu.


I Betaniya hāri hafi y’i Yerusalemu nka stadiyo cumi na zitanu.


Nukw Abayuda benshi bāri baje kwa Marita na Mariya kubirura kubga musaza wabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite