Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Yesu abacira uwo mugani, ariko bo ntibatahura ivyo ababgira ivy’ ari vyo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ivyo Yesu yabibabwiye mu mugani, kandi abamwumviriza ntibashoboye gutahura ico ashatse kuvuga.

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:6
20 Referans Kwoze  

Mbere n’imbga z’ ibigunya, zitigera zihāga; kand’ abo bameze bartyo n’abungere! Nta co bashobora gutahura; bose bījaniye inzira zabo ubgabo, umuntu wese yironderera inyungu impande zose.


Abantu babi ntibatahura ibiroranye, Arikw abarondera Uhoraho batahura vyose.


Abo mbgiye nta co bazi, nta co batahura, Bagendagenda mu mwiza: Amatanguriro yose y’isi aranyiganyiga.


Ivyo mbibabgiriye mu migani, arikw igihe kizoza sinzoba ngisubira kuvuganira namwe mu migani, mugabo nzobabgira ivya Data mbifoboye.


Mbeg’ ivyo murabitahuye vyose? Baramwishura, bat’ Ego me.


Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw abāgize ubgenge bazobitahura.


Ba sogokuruza ntibātahuye ibitangaza vyawe wakoreye muri Egiputa; Ntibibutse isinzi ry’imbabazi zawe, Ariko bagaraririza ku kiyaga, ni co Kiyaga Gitukura.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu.


N’iki gituma mutamenya imvugo yanje? N’uko mudashobora kwumva ijambo ryanje.


Ariko bo ntibāmenya yukw ababgiye Se.


Mbeg’ iryo jambo atubgiye n’iriki, ngo Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi ngw Iyo nzoba ndi mwebge ntimuzoshobora gushikayo?


Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga, bat’ Iryo jambo riragoye: har’ uworyumva akarishobora?


Abayuda batanakw ibirake, bat’ Uyu ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye?


Ivyo vyose Yesu yabibgiye ishengero mu migani, nta co yababgiye atabaciriye umugani.


Kand’ atabaciriye umugani nta co yababgira, ariko yihereranye n’abiwe bigishwa akabibasobanurira vyose.


Abigishwa biwe baravuga, bat’ Ubuho urabifoboye, nta mugani uduciriye.


Ivyabashitseko n’ivy’ uyu mugani w’ukuri ngw Imbga isubiye ku vy’ idashwe; kandi, ngw Ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu vyondo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite