Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kand’ iy’ amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Amaze kuzisohora zose, azija imbere, na zo zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:4
23 Referans Kwoze  

Nt’ Uhoraho Imana yanyu, umwe ahora abaja imbere, ni we azobarwanira, nk’uko mwabonye ivyo yabakoreye vyose muri Egiputa,


Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Nuko Pilato aramubaza, at’ Ubgo wewe ur’ umwami? Yesu ati Ni wewe uvyivugiye ko nd’ umwami. Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ ukuri wese yumva ijwi ryanje.


Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.


Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy’ubusho.


Munyigāne, nk’uko nanje nīgāna Kristo.


Abanyītangiye imbere bose bār’ ibisuma n’abambuzi, arikw intama ntizabumviye.


Buno Yesu abgira abigishwa biwe, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere, amaze guhinduka umuherezi mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.


Nuko mwīgāne Imana, nk’abana ikunda.


Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.


Ijwi ry’umukunzi wanje! Eh’ araje, Yikina amatavu ku misozi, Akinagira ku turambi.


Kuko mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira.


Nuko kuko Kristo yababarijwe mu mubiri, mwitwaze nk’ibirwanishwa ben’ uyo mutima: kuk’ ūbabarijwe mu mubiri aba amaze kureka icaha,


Nari nsinziriye, arik’ umutima wanje uri maso: Numva ijwi ry’umukunzi wanje aramutsa, Ati Nyugururira, mushikanje, mukunzi wanje, inanuma wanje, mwiza wanje utagira agasembga; Kuk’ umutwe wanje utonzweko n’urume, N’umushatsi wanje utonzweko n’udutonyanga tw’ ijoro.


Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’ intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa.


Arik’ uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y’abandi.


Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite