Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 mwebge mubgira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw isi, ng’ Urarogose, kuko navuze nti Nd’ Umwana w’Imana?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:36
39 Referans Kwoze  

Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.


riti Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi, kand’ utarava muri yo nari narakurobanuye; nagushizeho kuba ūvugishwa nanje mu mahanga.


Arikw ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w’Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw izina ryiwe.


Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.


bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.


yerekanywe kw ar’ Umwana w’Imana mu buryo bga Mpwemu Yera, ukuzuka kwiwe kwavyerekanishije ubushobozi, ni we Yesu Kristo Umwami wacu.


Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.


Abayuda baramwishura, bati Twebge dufise icagezwe, kandi kubg’ ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w’Imana.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


Nk’uko wantumye mw isi, ni ko nanje nabatumye mw isi:


kukw amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayākīra, bakamenya vy’ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera kw ari wewe wantumye.


natwe twarizeye, tumenya yuko wewe ur’ Uwera w’Imana.


Nk’uko Data w’ubugingo yantumye, nanje ndiho kubga Data, ni k’ūndya na we azobaho kubganje.


Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.


Nta co nshobora gukora nigeneye; uko numvise ni ko nca urubanza, kand’ urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba.


Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero.


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


Yizigiye Imana, n’imukize ubu nyene ni yaba imubabaye: kuko yīgira ngo Nd’ Umwana w’Imana.


Abami bo mw isi baragomoye, N’abakuru bahūrije ingingo hamwe Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta;


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Yesu arababgira, at’ Iy’ Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye.


Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.


Rāba, ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’umukuru na segaba w’amahanga.


Ntazohohosha irenga rivunitse, n’urumuri ruyenga ntazoruzimya: azoshikana amateka mu vy’ukuri.


Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.


None ko yabise imana, bamwe ijambo ry’Imana ryashitseko (kand’ ivyanditswe ntibishobora guhinduka),


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite