Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Abayuda baramwishura, bati Ntituguterera amabuye kubg’ igikorwa ciza, ariko n’uko warogose; kuko wewe ur’ umuntu ukīgira Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Baramwishura bati: “Ntitugomba kugutera amabuye kubera igikorwa ciza, ahubwo tuguhora gutuka Imana; kuko uri umuntu asanzwe, ariko ukigira Imana!”

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:33
11 Referans Kwoze  

Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kukw atākēngereye isabato gusa, arikw agatakw akīta Imana kw ari Se bgite, akīringaniza n’Imana.


Kand’ ūzorogota kw izina ryanje, jewe Uhoraho, ntaz’ abure kwicwa: ikoraniro ryose rize rimwicishe amabuye: yaba umunyamahanga ari muri mwebge cank’ imvukira azorogota kw izina ryanje, aze yicwe.


Jewe na Data tur’ umwe.


Uwo, naho yar’ asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ ikintu co kwumirako:


Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana.


Ni jewe ubganje navuze, nti Mur’ imana, Mwese mur’ abana b’Īsumba vyose.


maze muzane abantu babiri b’inshirukanya, baje imbere yiwe bamwagirize, bati Warogose ku Mana no ku mwami. Muheze mumujane inyuma y’ igisagara, mumwicishe amabuye.


ati Jana uwatukanye inyuma y’aho mushagaje, abamwumvise bose aho yatukana bashire ibiganza vyabo ku mutwe wiwe: ikoraniro ryose rimwicishe amabuye.


Abayuda baramukikiza, baramubaza, bat’ Uzogeza ryari gutera imitima yacu kujuragira? Asangw’ uri Kristo bidufoborere.


Yesu arababgira, ati Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibanteresha amabuye mur’ ivyo bikorwa n’ikihe?


Abayuda baramwishura, bati Twebge dufise icagezwe, kandi kubg’ ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite