Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Yesu arababgira, ati Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibanteresha amabuye mur’ ivyo bikorwa n’ikihe?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 ariko Yesu arababwira ati: “Ko nakoreye imbere yanyu ibikorwa vyiza vyinshi ndabitumwe na Data, none ni ikihe muri ivyo gitumye mugomba kuntera amabuye?”

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:32
16 Referans Kwoze  

ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Asangwa ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyemere;


Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.


Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Nabakoreye ivyiza bansubiza ibibi, Bigahindura umutima wanje nk’imbura.


Yesu arabishura, ati Narababgiye, ariko ntimwizera: ibikorwa nkora mw izina rya Data, ni vyo binshingira intahe.


Ikindi, Yeremiya abaza umwami Zedekiya, ati Mbega nagucumuyekw iki, cank’ abantu bawe, cank’ ubu bgoko, ko mwanshize mw ibohero?


Bun’ Abayuda bongera gutora amabuye, ngo bayamutere.


Abayuda baramwishura, bati Ntituguterera amabuye kubg’ igikorwa ciza, ariko n’uko warogose; kuko wewe ur’ umuntu ukīgira Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite