Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Data yazimpaye aruta bose; nta muntu n’umwe ashobora kuzikura mu kuboko kwa Data.

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:29
12 Referans Kwoze  

Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.


Ndabasabira; sinsabira ab’ isi, ariko nsabira abo wampaye, kukw ar’ abawe;


nk’uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngw abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira.


Mwumvise ko nababgiye, nti Ndagiye, ariko nzobagarukako. Iyo muba munkunda, muba munezerejwe n’uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta.


Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi; bar’ abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe.


Sinkiri mw isi, ariko bo bari mw isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk’uko natwe turi.


Arik’ umuntu w’ingunge aravumwe, afise isukurume mu mukuku wiwe yasezeranye kuyishikana, maz’ agashikanira Umwami Imana iyifise agasembga; kuko nd’Umwami ahambaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ izina ryanje riteye ubgoba mu banyamahanga.


Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako.


Es’ ukuntu ibimenyetso vyayo ar’ ibikomeye, n’ibitangaza vyayo ar’ ibihambaye! Ubgami bgayo n’ ubgami butazoshira, kand’ ingoma yayo izohangama ukw ibihe bikūranwa.


Uhoraho arahambaye, abereye gushimwa cane: Ubukuru bgiwe ntibushobora guserangurika.


kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje.


Jewe na Data tur’ umwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite