Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira.

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:27
26 Referans Kwoze  

Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.


Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi,


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


Arik’ ūkunda Imana ni we amenywa na yo.


Nuko, nk’uko Mpwemu Yera avuga, at’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo,


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’ abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’ abazoryumva bazoba bazima.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?


Abanyītangiye imbere bose bār’ ibisuma n’abambuzi, arikw intama ntizabumviye.


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


N’iki gituma mutamenya imvugo yanje? N’uko mudashobora kwumva ijambo ryanje.


Nuko Eliya yēgēra abantu bose, arababarira, ati Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira. Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe.


Abgira bose, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe uko bukeye, ankurikire.


Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.


Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye, ryanditswekw iki kimenyetso, ng’ Uhoraho arazi abiwe; kandi ng’ Umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya.


Yesu aramwishura, ati Namba ngomba kw azogumaho kugeza aho nzozira, upfa iki? Wewe nkurikira.


Azobabgira, ati Ndababgire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwa bakora ibizira mwese mwe.


Ahamagara ishengero bo n’abigishwa biwe, arababgira, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire;


Na we arabishura, ati Ndababgire ukuri: Simbazi.


Buno Yesu abgira abigishwa biwe, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.


Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.


Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.


Kand’ umuntu wese atazokwumvira uno avugishwa n’Imana, azorandurwa mu bantu.


Yesu amwitegereje aramukunda, aramubgira, at’ Uhajije kimwe: genda, ushōre ivy’ utunze vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Kuko nk’ukw ijuru risha n’isi nsha, ivyo nzorema, bizohorah’ imbere yanje, ni k’ uruvyaro rwawe n’izina ryawe bizohoraho, ni k’Uhoraho agize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite