Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Yesu arabishura, ati Narababgiye, ariko ntimwizera: ibikorwa nkora mw izina rya Data, ni vyo binshingira intahe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Yesu arabishura ati: “Narabibabwiye ariko ntimwanyizera. Ikibishingira intahe ni ibikorwa nkora mw’izina rya Data,

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:25
17 Referans Kwoze  

ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.


Ni munyizere ko ndi muri Data, na Data ari muri jewe, bibuze, mupfe kwizera kubg’ ibikorwa ubgavyo.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Hariho n’ibindi bimenyetso vyinshi Yesu yakoreye imbere y’abigishwa, bitanditswe mur’ iki gitabo.


Ariko naho yakoreye ibimenyetso bingaho imbere yabo, ntibārushe bamwizera,


Nukw abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranya abanyekombe, barababaza, bati Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi.


Yesu arababgira, ati Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibanteresha amabuye mur’ ivyo bikorwa n’ikihe?


Ico ni co gitumye mbabgira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Benshi mw ishengero baramwizera baravuga, bati Kristo ni yaza, mugira ngw azokora ibimenyetso vyinshi birengeye ivyo uyu akora?


uwo aza kuri we mw ijoro, aramubgira, ati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’ Imana iri kumwe na we.


Yemwe bagabo b’Abisirayeli, ni mwumve aya majambo: Yesu Umunyanazareti, umuntu Imana yashimagirishije kuri mwebge ibitangaza n’utwumiza n’ibimenyetso, ivyo Imana yamukoresheje hagati yanyu, nk’uko mubizi ubganyu;


Aburahamu sogokuruza wanyu yari yarahahamiye kubona umusi wanje, kandi yarawubonye, aranezerwa.


Asangwa ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyemere;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite