Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ndafise n’izindi ntama zitari muri uru ruhongore. Na zo ntegerezwa kuzizana. Zizokwumva ijwi ryanje, maze habe umukuku umwe n’umwungere umwe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:16
48 Referans Kwoze  

Umwami Imana, umwe akoraniriza hamwe abāri birukanywe bo mu Bisirayeli, aravuze, ati Nzokwongera kumukoraniriza abandi, ukūye abiwe bāri bamaze gukoranywa.


Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.


kandi s’ubgo bgoko bgonyene, ariko ngw abana b’Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe.


Nzoziha umwungere umwe, na we azoziragira, ni we musavyi wanje Dawidi; azoziragira, abe umwungere wazo.


Kand’ umusavyi wanje Dawidi azoba umwami wabo, bose bazogira umwungere umwe; kandi bazogendera mu vyagezwe vyanje, bitondere amabgirizwa yanje, bayashitse.


Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.


Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira,


Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe.


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.


Ariko bene Data bakundwa n’Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, kuk’ uhereye mbere na mbere Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri.


Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.


Mwami, amahanga yose waremye azoza, akwikubite imbere, agusenge: Kandi bazohimbaza izina ryawe,


Aravuga, at’ Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivy’ igomba, no kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi riva mu kanwa kiwe:


kuko ndi kumwe nawe, kandi nta muntu azogutera ngw akugirire nabi, kuko mfise abantu benshi mur’ iki gisagara.


Simoni yabīgāniye ingen’ Imana yatanguye kugendera abanyamahanga ngw ibarobanuremw’ ubgoko bg’izina ryayo.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.


mbagire ihanga rimwe mu gihugu, ku misozi y’i Bgisirayeli; kand’ umwami umwe ni we azoba umwami wabo bose. Ntibazokwongera kuba amahanga abiri ukundi, canke ngo bagabanywemw’ ubgami bubiri ukundi.


Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.


aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.


nzobgira i burārūko, nti Barekure, n’i bumanuko, nti Ntubīmane; zana abahungu banje ubakūye kure, n’abakobga banje ubakūye ku mpera y’isi;


Amajambo y’abanyabgenge ni nk’imihunda, kand’ amajambo atororokanijwe ni nk’imambo zishimangiwe, umwungere umwe ari we yayatanze.


Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, Nyene vyo ataraza: Uwo ni we amahanga azokwumvira.


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


Arik’ ūca mw irembo ni we mwungere w’intama.


Maze kur’ uwo musi igishitsi ca Isayi kizoba gihagaritswe no kubera amoko ibendera, ico gishitsi ni co amahanga azobariritsa: kand’ uburuhukiro bgiwe buzogira icubahiro.


Nuk’ Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubgiza kitazoshira.


Intama zanje zayerereye ku misozi yose, no ku gasozi kose karekare; mber’ intama zanje zāsābagiriye mw isi yose; kandi nta warushe azirondera canke ngw azibariritse.


Nk’ uk’ umwungere abariritsa umukuku wiwe mu gihe ari mu ntama ziwe zāsābagiriye kure, ni ko nanje nzobariritsa intama zanje; nzozikiza ndazikūre ahantu hose zāsābagiriye ku musi wo gufurangana w’ubgirakabiri.


Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’ intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa.


Kand’ iy’ amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.


Arik’ uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y’abandi.


Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n’abo bazonyizera kubg’ ijambo ry’aba,


Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero.


Cank’ umugore yogira amahera cumi, akabura rimwe, ntiyodomeka itara, agakubura inzu, akarondera ashishikaye kugeza ah’ aribonera?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite