Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Arik’ umucangero, atar’ umwungere bgite, kand’ intama atar’ iziwe, iy’ abonye ibingira rije, ata intama, agahunga: ibingira rikazisahura, rikazishwiragiza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Umucangero arahunga iyo abonye ibingira rije. Arata intama agahunga kuko atari umwungere wazo kandi intama zitari iziwe, maze rya bingira rikitera mu ntama rikazishwiragiza.

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:12
15 Referans Kwoze  

Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


Kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene; kandi ntakwiye kuba ūdakūrwa kw ijambo, cank’ ūsugurirwa, cank’ umunywi wa vino, cank’ umusinzi, cank’ uwifuza inyungu mbi;


Dema yarantaye, kukw akunze iyi si ya none, yīgīra i Tesalonike: Keresikenti yagiye i Galatiya: Tito yagiye i Dalumatiya.


Kandi n’abakozi b’ishengero na bo nyene, bakwiye kuba inyankamugayo batavuga indimi zibiri, kandi ntibabe abatwawe na vino nyinshi, cank’ abifuza inyungu mbi.


atar’ umunoho wa vino, cank’ umusinzi, arikw abe umugwaneza, atitoraguza, atar’ inkunzi y’amahera,


Ndazi yuko ni namara kuhava, amabingira y’inkazi azobinjiramwo atababaye umukuku.


Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.


Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’ intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Arik’ ūca mw irembo ni we mwungere w’intama.


Arahunga, kukw ar’ umucangero, atababaye intama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite