Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūdaca mw irembo ry’urugo rw’intama, arikw akūririra ahandi, uwo aba ar’ igisuma n’umwambuzi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ndababwire ukuri, umuntu wese yinjira adaciye mu muryango w’uruhongore rw’intama, ariko akuririra ahandi, uwo ni igisuma kandi ni umwambuzi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 10:1
28 Referans Kwoze  

Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi.


Nta muntu yiha ico cubahiro, shit’ ahamagawe n’Imana, nk’uko Aroni yahamagawe.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


Ariko hār’ abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bgoko bg’Abisirayeli, nk’uko no muri mwebge hazobah’ abigisha b’ibinyoma, bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice, zitera guhona: bazokwihakana na Shebuja yabaguze, bīhamagarire uguhona gutebutse.


Ivy’ ako gakiza, abāvugishwa n’Imana, ari bo bāvuze ubuntu mwāgira muze muhabge, bārabirondera, bārabisesa,


Rāba, nzohigūra n’abarotora inzozi z’ibinyoma, ni jewe Uhoraho mbivuze, bakazisigura, bakazimirisha abantu banje ibinyoma vyabo n’ukwihayagiza kwabo kw’ ubusa: yamara jewe nta ho nabatumye, nta co nabageze; kandi nta co bazomarira ubu bgoko na gatoya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.


Erega si jewe natumye abo ba kamenyi, yamara bārirukanze; jewe nta co navuganye na bo, yamara baravugishwa.


bakwiye kuzibga iminwa, kuko har’ imiryango bagwisha igahenebera, bigisha ibidakwiye kubg’ inyungu mbi.


None rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vya ba kamenyi bavuga mw izina ryanje, kandi ntābatumye, yamara bakavuga ngw Inkota n’inzara ntibizoba mur’ iki gihugu: mber’ inkota n’ inzara ni vyo bizorandura abo ba kamenyi.


Batera igisagara, bakarengera inzitiro z’ amabuye biruka, bakūrira amazu bakayītera imbere, bagaca mu madirisha nk’ibisuma.


Nuko Yesu yongera kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni jewe rembo ry’intama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite