Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Arongera aramubgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgira yuko muzobona ijuru rikingurutse, kand’ abamarayika b’Imana badūga bamanuka ku Mwana w’umuntu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Yongerako ati: “Ndababwire ukuri, muzobona ijuru ryuguruye, abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’Umuntu.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:51
55 Referans Kwoze  

Ararota, abona icuririzo gishinzwe hasi, umutwe waco ugashika mw ijuru: abona abamarayika b’ Imana bakidūgako, bakimanukako.


aravuga, at’ Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n’Umwana w’umuntu ahagaze i buryo bg’Imana.


Umumarayika aramwiyereka, avuye mw ijuru, amuha intege.


Uwo mwanya hamwe n’uwo mumarayika haboneka ingabo nyinshi zo mw ijuru, zihimbaza Imana,


Yesu aramwishura, ati Ndi we; kandi muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, azananye n’ibicu vyo kw ijuru.


Avuye mu mazi, aca abona ijuru ritandukanye, Mpwemu aramanuka amugwako, asa n’inuma.


Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako.


Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’ inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana.


abona ijuru ryugurutse, maze hamanuka ikintu kimeze nk’uruhuzu runiniya, rufashwe ku mitwe ine, kija hasi,


Nukw abantu bose babatijwe, na Yesu ahejeje kubatizwa, arikw arasenga, ijuru rirakinguruka,


Maz’ Umurwanizi aramureka, kand’ abamarayika baraza, baramukorera.


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.


no kwishura mwebge abayaterwa kuruhukana natwe, ah’ Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw ijuru, azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe,


Umumarayika w’Umwami Imana ahagarara i ruhande yabo, ubgiza bg’Umwami bubakayanganira irya n’ino, baterwa n’ubgoba bginshi.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūdaca mw irembo ry’urugo rw’intama, arikw akūririra ahandi, uwo aba ar’ igisuma n’umwambuzi.


Arik’ uhereye none Umwana w’umuntu azoba yicaye i buryo bg’ububasha bg’Imana.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Kandi Henoki, ni we yagira indwi uhereye kuri Adamu, yavugishijwe n’Imana ivyabo, at’ Eh’ Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe,


Bazohanwa, ni kwo guhona kw’ibihe bidashira, kuva mu nyonga h’Umwami no mu bgiza bg’ubushobozi bgiwe,


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwizera afise ubugingo budashira.


Ivyo bikibazazaniye, abagabo babiri bahagarara i ruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana.


Umwana w’umuntu agira agende, uko vyanditswe kuri we; arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara: uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.


N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Ukir’ umusore, warikenyeza, ukaja ah’ ugomba; arikw ah’ uzosāzira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’ utagomba.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, ntazobona urupfu gushitsa ibihe bidashira.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Si Mose yabahaye umutsima uvuye mw ijuru; Data ni we abaha umutsima w’ukuri uvuye mw ijuru.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Mweho muzorira muboroge, arikw ab’ isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, arik’ umubabaro wanyu uzocika umunezero.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umushumba ntaruta shebuja, kandi n’intumwa ntiruta uwayitumye.


Nuko Yesu yongera kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni jewe rembo ry’intama.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bugingo mwogira muri mwebge.


Yamuhaye ububasha bgo guca imanza, kukw ar’ Umwana w’umuntu.


Nuko Yesu asubira kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kukw ivyo Se akora vyose n’Umwana aca abikora kuno.


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.


Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — bun’ abgira ikimuga, ati Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.


Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Kur’ uwo musi nta na kimwe muzombaza. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje.


Yesu aramwishura, at’ Ugize ng’ uzonyigura? N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.


Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūkora icaha wese n’umuja w’icaha.


Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko n’uko mwariye kuri ya mitsima, mugahāga.


Yesu aramwishura, ati Wijejwe n’uko nkubgiye yuko nakubonye uri musi y’umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite