Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:50 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

50 Yesu aramwishura, ati Wijejwe n’uko nkubgiye yuko nakubonye uri musi y’umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

50 Yesu aramwishura ati: “Wizeye kubera nakubwiye ko nakubonye igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni? Uzobona ibihambaye kurusha ivyo.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:50
9 Referans Kwoze  

Yesu aramubgira, ati Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana?


Yesu aramubgira, ati Wijejwe n’uk’ umbonye. Hahirwa abatarinze kubona, yamara bakizera.


Kandi hahirwa wewe wizeye, kukw ivyo wabgiwe n’Umwami Imana bizoshika.


Kuk’ ūfise wese azohabga, asesekarizwe: arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ afise.


Yesu yumvise ivyo, aramutangarira, ahindukirira ishengero rimukurikiye, ati Ndababgire, Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli.


Kuk’ ūfise azohabga, bikamucagatira; arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ asanzwe afise.


Abonye umusukoni ku nzira, arawēgēra, ntiyagira ico awubonako, atar’ amababi gusa, arawubarira, ati Ntugapfe wamye insukoni uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira. Uwo musukoni uca ukabirana uwo mwanya.


Natanayeli na we aramwishura, ati Mwigisha, ur’ Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli.


Arongera aramubgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgira yuko muzobona ijuru rikingurutse, kand’ abamarayika b’Imana badūga bamanuka ku Mwana w’umuntu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite