Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:49 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 Natanayeli na we aramwishura, ati Mwigisha, ur’ Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

49 Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:49
31 Referans Kwoze  

Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuk’ uyo ar’ Umwana w’Imana.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


Uhoraho yagukūyekw imanza yari yāguciriye, yirukaniye kure umwansi wawe. Umwami w’Abisirayeli, ari we Uhoraho, ari hagati muri wewe; ntuzoba ukibona ivyago ukundi.


bati Hashemezwe Umwami, aje mw izina ry’Uhoraho, Amahoro abe mw ijuru, Icubahiro kibe ahasumba ijuru.


bati Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza. N’Umwami w’Abisirayeli, ni yīmanure ku musaraba ubu nyene, duheze tumwizere.


ngo Mubgire umukobga w’i Siyoni, Muti Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ar’ umutekerezi, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


barabaza, bat’ Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twābonye inyenyeri yiwe, tur’ i burasirazuba, none tukaba tuzanywe no kumushengerera.


Yesu akebutse, abona bamukurikiye, arababaza, ati Murondera iki? Baramubgira, bati Rabi (risobanurwa ngo Mwigisha), usembereye hehe?


Ariko Yesu yar’ ahagaze mu maso ya ca cēgēra ca Kayisari; ico cēgēra kiramubaza, kiti Ni wewe Mwami w’Abayuda? Yesu aramwishura, at’ Urarivuze.


Abāri mu bgato baramupfukamira, bati N’ukuri ur’ Umwana w’Imana.


Nuko Pilato aramubaza, at’ Ubgo wewe ur’ umwami? Yesu ati Ni wewe uvyivugiye ko nd’ umwami. Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ ukuri wese yumva ijwi ryanje.


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Uhoraho yabariye Umwami wanje, at’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe.


Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.


Ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje Kuri Siyoni, umurwa wanje wera.


Umugeragezi aza kuri we, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira aya mabuye acike imitsima.


no kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwitwa n’abantu: Rabi.


None, ntimukitwe Rabi, kuk’ umwigisha wanyu ar’ umwe, namwe mwese mur’ abavukana.


Kristo Umwami w’Abisirayeli ni yimanure ku musaraba ubu nyene, tubibone twizere. N’abāri babambanywe na we na bo baramutuka.


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


Yesu aramwishura, ati Wijejwe n’uko nkubgiye yuko nakubonye uri musi y’umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo.


Batarashika, abigishwa baramwinginga, bati Mwigisha, enda fungura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite