Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:48 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

48 Natanayeli aramubaza, ati Wammenyeye hehe? Yesu aramwishura, ati Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y’umusukoni, nakubonye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

48 Natanayeli aramubaza ati: “Wamenye gute?” Yesu aramwishura ati: “Igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni, imbere yuko Filipo aguhamagara, nakubona.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:48
14 Referans Kwoze  

Maze batarampamagara nzobitaba, kandi bakivuga nzokwumva.


ntiyarinda ko hogira ūshingira intahe ivy’ umuntu, kuk’ ubgiwe yar’ azi ibiri mu muntu.


Ariko weho, iy’ usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhēra.


ibihishijwe mu mutima wiwe bigaseruka; nukw akubika inda, agasenga Imana, akātura yukw Imana iri muri mwebge vy’ukuri.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo,


Kandi Filipo uyo, i wabo n’i Betsayida, igisagara c’i wabo wa Andereya na Petero.


Yesu yunamuye amaso, abona ishengero ryinshi riza kuri we, abaza Filipo, ati Tugurira hehe imitsima, ngo barye bose?


Filipo aramwishura, at’ Imitsima y’idenariyo amajana abiri ntiyobakwira, nah’ umuntu wese yohabga gatoya.


bashikīra Filipo w’i Betsayida i Galilaya, baramwinginga, bati Mugenzi, turagomba kurāba Yesu.


Filipo aramubgira, ati Mugenzi, twereke So, bizoba bihaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite