Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:47 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako, at’ Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ ubugunge.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:47
13 Referans Kwoze  

Kandi mu kanwa kabo ntihābonetsemw’ ikinyoma: nta gasembga bagira.


N’ukuri Imana igirira neza Abisirayeli, Abafise imitima itanduye.


Hahirwa umuntu Uhoraho adaharūrak’ ukugabitanya, Umutima wiwe ntubemw’ ubugunge.


ni bo Bisirayeli, ivyabo n’ugucika abana b’Imana, n’ubgiza, n’amasezerano, no guhabga ivyagezwe, no gusenga Imana, n’ivyasezeranywe:


Ariko s’ukugira ngw ijambo ry’Imana ntiryashitse: kukw abamutse kuri Isirayeli atari bo Bisirayeli bose.


Nuko Yesu abgira Abayuda bāri bamwemeye, ati Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri;


We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;


Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose,


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Baramwishura, bati Aburahamu ni we data. Yesu arabishura, at’ Iyo muba mur’ abana ba Aburahamu, muba mukora ibikorwa nk’ivya Aburahamu.


ntiyarinda ko hogira ūshingira intahe ivy’ umuntu, kuk’ ubgiwe yar’ azi ibiri mu muntu.


Yesu aramubgira, ati Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite