Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Kandi Filipo uyo, i wabo n’i Betsayida, igisagara c’i wabo wa Andereya na Petero.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Filipo yava mu gisagara citwa Betesayida, ari na co Andereya na Petero bavamwo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:44
18 Referans Kwoze  

bashikīra Filipo w’i Betsayida i Galilaya, baramwinginga, bati Mugenzi, turagomba kurāba Yesu.


At’ Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba barihannye kera, bakambara amagunira, bakīsīga iminyota.


Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba bārihannye kera, bicaye bambaye amagunira, bīsīze umunyota.


Za ntumwa zigarutse zidondera Yesu ivyo zākoze vyose. Arabajana, abīhererana mu gisagara citwa Betsayida.


Baraza bashika i Betsayida. Bamuzanira impumyi, baramwinginga ngw ayikoreko.


Uwo mwanya agōbēra abigishwa biwe ngo batambukire mu bgato, bitangire kujabuka hakurya i Betsayida, aheze gusezera rya shengero.


atoranya na Andereya, na Filipo, na Barutolomayo, na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo, na Simoni Umunyakananayo,


na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo,


Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo.


Simoni, uwo yise Petero, na Andereya mwene nyina, na Yakobo, na Yohana, na Filipo, na Barutolomayo,


Bukeye bg’aho Yesu agomba kuvayo ngw aje i Galilaya, abona Filipo, aramubarira, ati Nkurikira.


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Natanayeli aramubaza, ati Mbeg’ i Nazareti hova iciza? Filipo aramubgira, ati N’uze urābe.


Natanayeli aramubaza, ati Wammenyeye hehe? Yesu aramwishura, ati Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y’umusukoni, nakubonye.


Yesu yunamuye amaso, abona ishengero ryinshi riza kuri we, abaza Filipo, ati Tugurira hehe imitsima, ngo barye bose?


Filipo aramwishura, at’ Imitsima y’idenariyo amajana abiri ntiyobakwira, nah’ umuntu wese yohabga gatoya.


Filipo araza abibarira Andereya; Andereya na Filipo baraza babibarira Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite