Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubgira, at’ Uri Simoni mwene Yohana; uzokwitwa Kefa (risobanurwa ngo Petero).

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:42
20 Referans Kwoze  

akiyereka Kefa, maz’ akiyereka bamwe cumi na babiri,


ari Paulo, canke Apolo, canke Kefa, cank’ isi, cank’ ubugingo, cank’ urupfu, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, vyose n’ivyanyu,


Ico mvuze n’iki, yuk’ umuntu wese muri mwebge avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo; uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo; uwundi ati Jeho nd’uwa Kefa; uwundi ati Jeho nd’uwa Kristo.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Ntitwokwemerewe kujana abagore bacu ari bene Data nk’ukw izindi ntumwa zikora, na bene nyina w’Umwami wacu, na Kefa?


Amazina y’izo ntumwa cumi na zibiri n’aya: Uwa mbere ni Simoni, yitwa Petero, na mwene nyina Andereya, na Yakobo mwene Zebedayo na mwene nyina Yohana,


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


Simoni Petero na Toma ari we Hasa bāri kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri.


Nukw atoranya aba cumi na babiri: Simoni, amwita Petero;


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Simoni, uwo yise Petero, na Andereya mwene nyina, na Yakobo, na Yohana, na Filipo, na Barutolomayo,


Maz’ imyaka itatu ishize ndūga i Yerusalemu kwibonanira na Kefa, mmara i we imisi cumi n’itanu.


Ariko Kefa aje muri Antiyokiya, mmugisha impāri imbonankubone, kuko yari n’ibimutsindishije.


Nuko Namani aja kubarira shebuja; at’ Umwigeme yavuye mu gihugu c’Abisirayeli yavuze artya n’artya.


Yesu aramubgira, ati Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite