Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:41 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Uyo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubgira, ati Twabonye Mesiya (risobanurwa ngo Kristo).

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Nuko Andereya aca aja kurondera mwene nyina Simoni, amubwira ati: “Twabonye Mesiya” (bisigura Kristo).

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:41
21 Referans Kwoze  

Nya mugore aramubgira, ati Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo; uwo ah’ azozira ni we azoduserurira vyose.


Filipo abona Natanayeli, aramubgira, at, Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.


Nabonye Dawidi umusavyi wanje, Namurobanuje amavuta yanje yera:


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.


Babibonye bababarira ijambo bābgiwe kur’ uwo mwana.


Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Mpwemu w’Uhoraho azoba kuri we, impwemu y’ubgenge n’iy’ ugutahura, impwemu yo kuja inama n’iy’ ubushobozi, impwemu y’ukumenya Uhoraho n’iy’ ukumwubaha.


Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji: Ni co catumye Imana, ni yo Mana yawe, Ikurobanuza amavuta y’umunezero ikakurutisha bagenzi bawe.


Abami bo mw isi baragomoye, N’abakuru bahūrije ingingo hamwe Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta;


Hanyuma baravugana, bat’ Ivyo tugize si vyo, kuk’ uyu musi ar’ umusi wo kuvuga inkuru nziza, natwe takaba dupfuye kwihorera; ni twarorēra ko buca, bizodusubirako. Ni muze tugende tubibarire ab’i bgami.


ico twabonye tukacumva ni co tubabgira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo.


ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite