Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:3
20 Referans Kwoze  

ariko kuri twebge har’ Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose, natwe twabesherejweho kuba abayo: kandi har’ Umwami umwe, ni Yesu Kristo, abeshaho vyose, natwe akatubeshaho.


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


Ijambo ry’Uhoraho ni ryo ryāremye ijuru, Impwemu zo mu kanwa kiwe ni zo zāremye ingabo zose zo kuri ryo.


Imana iravuga, iti Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase natwe: aganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ ibitungano, n’isi yose, n’ivyikwega vyose, bigenda bikwega inda hasi.


Yari mw isi, kand’ isi yaremwe na we, arikw isi ntiyamumenya;


Uku ni k’Uhoraho agize, uwaremye amajuru, ni we Mana; uwabumvye isi akayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngw ibek’ ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu: ati Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.


Ni jewe naremye isi, kandi ndayiremerakw abantu; ni jewe nibambiye amajuru n’amaboko yanje, kand’ ingabo z’inyenyeri zose zo kuri yo ndazigaba.


Mbere na mbere washizeh’ itanguriro ry’isi, Kand’ amajuru n’igikorwa c’ intoke zawe.


no guserurira bose ububgiriza bg’ibanga ubg’ ari bgo, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose;


Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.


Ico gihe nari kumwe na yo, nd’ umukozi w’umuhanga: Kand’ imisi yose narayihimbara, Nama niginagura imbere yayo;


Uwo yahoranye n’Imana ubga mbere na mbere;


Ukwizera ni kwo kutumenyesha yukw isi yaremwe n’ijambo ry’Imana, ni co catumye ibiboneka bitāremwe mu biseruka.


Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite