Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:19
27 Referans Kwoze  

Abayuda baramukikiza, baramubaza, bat’ Uzogeza ryari gutera imitima yacu kujuragira? Asangw’ uri Kristo bidufoborere.


Paulo ati Yohana yabatije umubatizo wo kwihana, abarira abantu ko bakwiye kwizera ūzoza hanyuma yiwe, ni Yesu.


Ariko Yohana arikw arasozera urugendo rwiwe, arababaza, ati Mbega mwiyumvira ko ndi nde? Jewe sindi we. Mugabo har’ ūzoza mu nyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye no gupfundurura inkweto zo mu birenge vyiwe.


Abayuda baramubaza, bat’ Utwereka ikimenyetso ki, gituma ukora ivyo?


Nukw Abayuda babgira uwakijijwe, bat’ Erega ni kw isabato: ntivyemerwa ko wikorera ikirago cawe.


Abayuda batanakw ibirake, bat’ Uyu ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye?


Bun’ Abayuda baramwidodombera, kuko yavuze, ati Ni jewe mutsima wamanutse uva mw ijuru.


Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.


uwo yazanywe no kuba igishingantahe, ngw ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubgiwe.


Maz’ Abayuda bat’ Uru rusengero rwubatswe imyaka mirongwine n’itandatu: none wewe uzoruhagarika mu misi itatu?


Uno muntu aragenda, abgira Abayuda kw ari Yesu yamukijije.


Ni co catumye Abayuda bahama Yesu, kuko yakoze ivyo kw isabato.


Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kukw atākēngereye isabato gusa, arikw agatakw akīta Imana kw ari Se bgite, akīringaniza n’Imana.


Hanyuma y’ivyo Yesu agendagenda i Galilaya: ntiyashaka kugendagenda i Yudaya, kukw Abayuda bārondera ingene bomwica.


Maz’ Abayuda bamurondera mur’ iyo misi mikuru, bati Mbega wa wundi ari hehe?


Abayuda baratangara, bati Mbeg’ uyu yakūye ubgenge hehe, atigishijwe?


Abayuda barabazanya, bati Mbeg’ azokwiyahura, kw agize ngw iy’ aja ntituzoshobora gushikayo?


Abayuda baramwishura, bati None se ntitwavuze ukuri k’ur’ Umusamariya, kandi k’urimwo dayimoni?


Abayuda baramubgira, bati Noneho turamenye k’urimwo dayimoni. Aburahamu yarapfuye, n’abāvugishwa n’Imana n’uko, ariko wewe uvuze, uti Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, nta ho azokwumviriza ku rupfu.


Nuko rer’ Abayuda baramubgira, bat’ Ube utaramara imyaka mirongwitanu, ngo warabonye Aburahamu?


Bun’ Abayuda bongera gutora amabuye, ngo bayamutere.


Nukw Abayuda benshi bāri baje kwa Marita na Mariya kubirura kubga musaza wabo.


Ubu ni bgo butumwa twumvise bgavuye kuri we, tukabubabgira, yukw Imana ar’ umuco, kandi muri yo ko hatagira umwiza na mukeya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite