Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:18
41 Referans Kwoze  

Ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose:


S’ukugira ngo har’ uwabonye Data, atar’ uwavuye ku Mana: uwo ni we yabonye Data.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Vyose nabihawe na Data; kandi nta wuzi Umwana uw’ ari we, atari Data: na Data nta wumuzi uw’ ari we atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Nta wigeze kubona Imana. Dukundanye, Imana iguma muri twebge, no kuyikunda kuba guhīngūwe muri twebge.


ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.


Iki ni co caseruye urukundo rw’Imana muri twebge, n’ukw Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege mw isi, kugira ngo duheshwe ubugingo na we.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’ umubeshi. Kuk’ ūdakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atābonye.


Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ng’ urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo.


Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b’isi; bar’ abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe.


Yesu aramubaza, ati Mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ūbonye jewe aba abonye Data: non’ uvuga ute ngo Twereke So?


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Uhoraho yavugiye mur’ uwo muriro ababarira, namwe mwumva ijwi rivuga, ariko ntimwagira ishusho yiwe mubona, mwumvise ijwi gusa.


Uyo we twama twivuganira mu kanwa n’akandi, mfoboye, ntapfinze, kand’ ishusho yanje, jewe Uhoraho, arayibona. None rero n’iki catumye mwubahuka kunegura umusavyi wanje Mose?


Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubgiza bgiwe, kandi ni we yavuzeko.


Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen.


Muze mumwubahe, mumwumvire, ntimuze mumugararize, kukw atazobaharira ibicumuro vyanyu, kukw izina ryanje riri muri we.


Uhoraho avuganye na we, Hagari amwita izina, at’ Ur’ Indavyi; ati Mbeg’ aha hantu koko ndahaboneye Iyimbona?


Maze Yosuwa ari hafi y’i Yeriko, agize ngw arunamura amaso, abona umuntu imbere yiwe, yāsokōye inkota, ayifashe mu ntoke. Yosuwa aramwēgēra, aramubaza, ati Mbeg’ ur’ ūje ku ruhande rwacu, canke ku rw’abansi bacu?


Babaza ba nyina, bati Nta duheke na vino vyobaho? Bagaca barabiranira mu nzira zo mu gisagara nk’abakomeretse, Imitima yabo igahondoberera mu bikiriza vya ba nyina.


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Ico gihe nari kumwe na yo, nd’ umukozi w’umuhanga: Kand’ imisi yose narayihimbara, Nama niginagura imbere yayo;


Uhoraho aca arīgīra, ahejeje kuvugana na Aburahamu; Aburahamu na we asubira i we.


Hārih’ umwe mu bigishwa biwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko bararya, umwe Yesu yakunda.


babona Imana y’ Abisirayeli; musi y’ibirenge vyayo hameze nk’umusezero w’amabuye yitwa safiro, usa n’ijuru ubgaryo iyo ryiharanguye.


N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Twebge tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu.


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite