Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:17
37 Referans Kwoze  

Icaha ntikizobaganza, kuko mutaganzwa n’ivyagezwe, ariko muganzwa n’ubuntu.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Nk’ukw ivyagezwe biri, ibintu ni nka vyose vyozwa n’amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha.


kandi muzomenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya.


Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe? Ariko muri mwebge nta n’umwe yitondera ivyo vyagezwe. Muronderera iki kunyica?


Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.


kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.


Arikw ico mvuze n’iki: isezerano ryabanje gushingwa n’Imana, ivyagezwe vyaje hashize imyaka amajana ane na mirongwitatu, ntivyorikūraho ngo bihindure ubusa iryo sezerano.


Mose ahamagara Abisirayeli bose, arababarira, ati Yemwe Bisirayeli, ni mwumve amabgirizwa n’ivyagezwe mvugira mu matwi yanyu uyu musi, kugira ngo muvyige, muvyitondere, mubishitse.


Kand’ uwo Mose ni we yari mw ishengero ryo mu bugaragwa, ari kumwe n’umumarayika yavuganiye na we ku musozi Sinayi, kand’ ari kumwe na ba sogokuruza; kandi yaherejwe amajambo y’ubugingo ngw aduhe.


Ntimugire ngo nzobarega kuri Data: harih’ ūbarega, ni Mose uwo mwishimiye.


Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Ivy’ Imana yasezeranye uko bingana, muri we ni ho Ego me riri: ni co gituma ari we adutera kuvuga ngo Amen, ngw Imana ishimishwe natwe.


Twebge tuzi yukw Imana yavuganye na Mose, arik’ uwo ntituzi ah’ aturuka.


Ukuri kwawe uzogushitsa kuri Yakobo, n’ikigongwe kuri Aburahamu, ari vyo nyene warahiye ba sogokuruza uhereye mu bihe vya kera.


Yibutse imbabazi ziwe n’ukugororoka kwiwe, ngw abigirire inzu ya Isirayeli: Abo ku mpera z’isi zose babonye agakiza k’Imana yacu.


Imbabazi n’ukuri birahūye, Ukugororoka n’amahoro biragumbiranye.


Mose yadushingiye ivyagezwe, Ni vyo shamvu y’ikoraniro ry’ aba Yakobo.


Ibi ni vyo vyagezwe Mose yashize imbere y’Abisirayeli,


Nuko Pilato aramubaza, at’ Ubgo wewe ur’ umwami? Yesu ati Ni wewe uvyivugiye ko nd’ umwami. Iki ni co navukiye, kand’ iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ ukuri wese yumva ijwi ryanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite