Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kukw ibibōgabōga muri we ari vyo twahaweko twese, n’ubuntu bugerekeranye n’ubundi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ku butunzi bwiwe busesekaye, twese twaronseko ubuntu bugeretse ku bundi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:16
24 Referans Kwoze  

Kukw Imana yahimbawe n’uk’ ukunengesera kwayo kwose kuba muri we:


yadushikanishije ukwizera mur’ ubu buntu duhagazemwo, kandi tunezerezwa no kwizigira kuzobona ubgiza bg’Imana.


mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose.


ni ryo mubiri wiwe, unengesereye ūnengesera vyose hose.


Kw igicumuro c’umwe catumye urupfu rushirwa ku ngoma n’umwe, abākīra ubuntu n’ingabire yo kugororoka bisēsekaye bazorushiriza gushirwa ku ngoma mu bugingo n’umwe, Yesu Kristo.


Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


Kuk’ ūfise azohabga, bikamucagatira; arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ asanzwe afise.


muri we ni ho itunga ryose ry’ubgenge n’ukumenya ryahishijwe.


Ariko mweho ntimuganzwa n’akameremere k’umubiri, ariko muganzwa n’impwemu, bisanzwe Mpwemu w’Imana aba muri mwebge. Arikw iy’ umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ar’ uwiwe.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Ariko Yohana agomba kumwankira, ati Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’ uje kuri jewe?


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Wa musozi munini we, ur’ iki? Uzocikira ikiyaya imbere ya Zerubabeli; azozana ibuye ryo gusōzēra kwubaka, basēsereza impundu, bat’ Ubuntu, ubuntu bube kuri ryo!


basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire.


Arikw ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwīre: yamara, ah’ icaha cagwiriye ni ho ubuntu bg’Imana bgarushirije kugwira,


Bagenda bunguka inkomezi, Umuntu wese wo muri bo aseruka imbere y’Imana i Siyoni.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite