Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 1:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Yohana amushingira intahe, arasemerera, at’ Uwo ni we navuze, nt’ Ūza inyuma yanje ni we yar’ uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 (Yohana yamushingiye intahe aho yasemerera ati: “Uwu ni we navugako igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane kuko yariho jewe ntarabaho.’ ”)

Gade chapit la Kopi




Yohana 1:15
21 Referans Kwoze  

N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we vyose ni ho bifataniye.


Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.


Yohana ababarira bose, ati N’ukuri jeho ndababatirisha amazi, ariko hazoza ūndusha ubushobozi, ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’inkweto ziwe: uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna, ut’ Uwa mbere kand’ uw’ iherezo, uwari yarapfuye kand’ akaba muzima, aravuga ibi,


Yesu Kristo uko yar’ ar’ ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira.


ni we aza inyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye gupfundurura akagozi k’inkweto yiwe.


Yaravuga, at’ Ūndusha ubushobozi azoza mu nyuma yanje, ntibimbereye no kwunama ngo mpfundurure utugozi tw’inkweto ziwe.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Uhoraho yaranyamanye mw itanguriro ry’inzira ziwe, Ataratangura na kimwe mu bikorwa vyiwe vya kera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite