Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yobu 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Itunga ryiwe ryar’ intama ibihumbi ndwi, n’ingamiya ibihumbi bitatu, n’inka igihumbi zirima, n’indogoba zivyara amajana atanu, n’abahinda mu rugo benshi cane; nuk’ uwo muntu yar’ ūhambaye gusumba abantu bose b’i burasirazuba.

Gade chapit la Kopi




Yobu 1:3
34 Referans Kwoze  

Nakunda inzira ija aho bari, nkicara nk’umutware, Naba nk’umwami mu ngabo ziwe, Nkaba nk’ūhoza abagandaye.


Nuk’ Uhoraho aha Yobu umugisha mu gihe c’amaheruka kuruta ica mbere: aronka intama ibihumbi cumi na bine, n’ ingamiya ibihumbi bitandatu, n’ inka zirima ibihumbi bibiri, n’ indogoba zivyara igihumbi.


Kand’ Abisirayeli iyo bahejeje kurangiriza imbuto hanze, Abamidiyani bādūgana n’Abamaleki n’ abantu b’i burasirazuba, bakabatera,


Ubgenge bga Salomo bgāruta ubg’ abanyabgenge bose b’i burasirazuba n’ubg’ Abanyegiputa bgose.


Atangura kuvugishwa, ati Balaki yankūye muri Aramu, Umwami w’i Mowabu yankūye mu misozi y’i burasirazuba, Ati Ngwino umvumire aba Yakobo, Ngwino wīrabire akaranga Abisirayeli.


Umugisha w’Uhoraho uratungisha, Kandi nta mubabaro awuvangamwo.


Farawo agirira Aburamu neza kubg’ uwo, aharonkera intama n’ inka n’indogoba z’amapfizi n’abagurano b’abahungu n’abakobga n’indogoba zivyara n’ingamiya.


Aburamu ajana Sarayi umugore wiwe na Loti umuhungwabo, n’itunga ryabo ryose bari batungiye i Harani, bo n’abantu bāronkeyeyo; bavaho ngo baje mu gihugu c’i Kanani; nuko bashika i Kanani nyene.


Yakobo araheza akomeza urugendo, ashika mu gihugu c’ababa i burasirazuba.


Ico gihugu nticabakwira ngo babangikane, kukw itunga ryabo ryari ryinshi, bituma badashobora kubangikana.


Kandi yironkera n’ ibisagara, n’amasinzi y’imikuku n’amasho, kukw Imana yamuhaye ibintu vy’isinzi.


Kandi yubaka iminara no mu bugaragwa, yimbisha n’ivyobo vyinshi vyo kubīka amazi, kuko yar’ afise amasho menshi mu gihugu gishashe no mu biyaya; yar’ afise n’abarimyi n’abazi gutunganya imizabibu mu misozi no mu matongo amera cane, kuko yar’ umurimyi.


Kandi Mesha umwami w’i Mowabu yar’ umutunzi w’intama; yama ashikanira umwami w’Abisirayeli ubgoya bukemuwe ku bana b’intama ibihumbi ijana, n’ubg’ amapfizi y’intama ibihumbi ijana nyene.


Hār’ umuntu w’i Mayoni, itunga ryiwe ryar’ i Karumeli; yar’ umutunzi cane, yar’ afise intama ibihumbi bitatu n’impene igihumbi; ico gihe yarikw arakemuriza ubgoya bg’intama ziwe i Karumeli.


Bādūgana amasho yabo n’amahema yabo, bameze nk’ isinzi ry’inzige; bo ubgabo bo n’ ingamiya zabo ntivyaharūrika; batera ico gihugu kugira ngo bagihindure iyondoyondo.


Mbeg’ inka zabo n’ibintu vyabo n’ibiyevera vyabo vyose ntibizoba ivyacu? Mugabo tubemerere gusa, na bo babane natwe.


Arikw abana bo ku ncoreke Aburahamu yar’ afise, arabagabira; araheza arabarungika, akiriho, ngw abatandukanye na Isaka umwana wiwe, bagende berekeye i burasirazuba, baje mu gihugu c’i burasirazuba nyene.


Kandi Zeba na Salumuna bar’ i Karikori, hamwe n’ingabo zabo zishika nko ku bihumbi cumi na bitanu, ari zo zari zisigaye gusa mu ngabo zose z’ab’i burasirazuba, kuko mu rugamba hāri hāgūye ingabo ibihumbi ijana na mirongwibiri zizi kurwanisha inkota.


Kand’ Abamidiyani n’Abamaleki n’ab’i burasirazuba bose bari bajimagije ico kiyaya, ar’ amasinzi nk’inzige, n’ingamiya zabo zitoharūrika, ar’ amasinzi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga.


Nuko Dawidi ageseza ico gihugu, ntiyagira umugabo cank’ umugore asiga atishe; anyaga intama n’inka n’ indogoba n’ingamiya, asahura n’ impuzu; maze yatabāruka akaja kwa Akishi.


Kand’ abahungu biwe bāhora barondera amazimano mu nzu y’ umuntu wese muri bo ku musi ashinze, bagatumira bashiki babo ukw ari batatu ngo baze gusangira na bo.


Ntiwamuzitiriye uruzitiro rumukikije, bo n’inzu yiwe, n’ivy’ atunze vyose? Wahezagiye igikorwa c’amaboko yiwe, kand’ itunga ryiwe ryagwiriye mu gihugu.


Kuko muvuga, mut’ Inzu y’ ūhambaye iri hehe? N’urugo abanyavyaha bāhoramwo ruri hehe?


Kand’ asangwa nanejerejwe n’uk’ ubutunzi bganje ari bginshi, Kandi yuk’ ukuboko kwanje kwaronse vyinshi;


Noyimenyesha igitigiri c’intambuko zanje, Noyishikīra nk’uk’ umuganwa ashikīra umwami.


Yobu agisengera bagenzi biwe, Uhoraho amukūrak’ uburushwa bgiwe, amushumbusha ibingana n’ivyo yar’ afise ibihetangabo kabiri.


Ivy’ i Kedari, n’ivy’ ibihugu vy’abami b’i Hazori, ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yahavuye atsinda. Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muhaguruke mudūge i Kedari, munyage abantu b’i burasirazuba.


Kand’ Uhoraho yahaye databuja umugisha mwinshi, ahinduka ūhambaye; kandi yamuhaye imikuku n’amasho n’amafeza n’amazahabu n’abatungano b’abahungu n’abakobga n’ingamiya n’indogoba.


impene zivyara amajana abiri, n’iz’ amasuguru mirongwibiri, n’ intama zivyara amajana abiri, n’iz’ amasuguru mirongwibiri,


Kand’ uwo mutunzi yar’ afise amasinzi y’intama n’inka.


Kand’ ayo mahera Menahemu yari yayatoje mu Bisirayeli, mu bantu b’abatunzi, umuntu wese yari yamutoje shekeli mirongwitanu, ngw ayahe umwami w’i Ashuri. Nuk’ uwo mwami w’i Ashuri arahindukira, ntiyaguma mur’ ico gihugu.


Obili w’Umwishimayeli ni we yar’ umubgiriza w’ingamiya; Yedeya w’i Meronoti ni we yar’ umubgiriza w’indogoba;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite