Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yeremiya 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Isirayeli yar’ uwo nirobanuriye, jewe Uhoraho, yar’ umushuzo mu bikikimvye vyanje. Abazomurya bose bazobakw igicumuro; ivyago bizobazako, ni jewe Uhoraho mbivuze.

Gade chapit la Kopi




Yeremiya 2:3
32 Referans Kwoze  

Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.


Nk’uko yabigabiye ubgayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.


Eh’ abakurakiye bose bazotētērwa bamāramāre: abagutonganya bazocika ubusa, baranduke.


Kandi kw ifu y’umushuzo ar’ iyera, n’irobe ni ko rimeze; kandi kw igishitsi ar’ icera, n’amashami ni kw ameze.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we yantumye kumuhesha icubahiro mu mahanga yabanyaze; at’ Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryiwe.


Abābabonye bose bāgiye babatsontsomera; abarwanizi babo bāvuze, bati Nta caha dukoze, kuko bācumuye k’Uhoraho, ari we i wabo w’ubugororotsi, k’Uhoraho, ari we vyizigiro vya ba sekuruza.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vy’ababanyi banje bose babi, bīhaye ku manyama ishamvu neguriye abantu banje b’Abisirayeli, nt’ Ehe nzobashika mbakūre mu gihugu cabo, kand’ inzu ya Yuda nzoyibashikura.


Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu, kand’ Uhoraho akaba yarabītoranirije mu mahanga yose yo mw isi kuba ihanga yiharije.


Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu; kand’ Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu mahanga yose yo mw isi ngo mube ihanga yiharije.


Ku vy’ umushuzo vyose bazonzanira, jewe Uhoraho, ibirusha ibindi kuba vyiza, ari ku mavuta ya elayo, ari ku nzabibu, ari ku mpeke, ni wewe mbihaye.


Kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo. Muntahirize Epayineto, uwo nkunda, ni we yashurije abo muri Asiya bābaye aba Kristo.


Kandi nshavuriye cane amahanga yidibamiye, kuko Yerusalemu nari mpashavuriye buhoro, maze bo bakahasonga.


Mubidondere abana banyu, na bo baze babidondere abana babo, abana babo na bo baze babidondere abuzukuruza.


Yamar’ abo bose bakurya na bo bazoribga; abarwanizi bawe bose, umuntu wese muri bo, bazojanwa ar’ inyagano; abākugize umunyagwa na bo bazonyagwa, abākunyaga bose nzobagira inyagano.


Nari narakiye abantu banje, mpindura igihumane ishamvu yanje, ndabakugomorera; nawe nta kagongwe wabagiriye, abatāma wabatwaje amanyama birengeje.


kugira ngw abasumbishe ayandi mahanga yose yaremye, muyarushe gushemagizwa no kwāmāmara no kwubahwa, mubere Uhoraho Imana yanyu ihanga ryera, nk’uko yavuze.


Kand’ umusi wo gusoroma ivy’ akera, muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra w’ivyo mwacumukuriye, murima mu ndimiro. Kandi n’umusi w’iyimbura rya vyose na wo muze muwugire mukuru, igihe muzokwimbura ivyabatamije vyo mu ndimiro zanyu, ku mpera y’umwaka.


Ntimuze mutebagane kunshikanira ku vyo mwakikinyuye, ari ku vyo mwejeje, ari ku binyobga vyanyu. Imfura zanyu z’ abahungu muze muzimpe.


Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge nzu ya Yakobo, namwe miryango yose y’inzu ya Isirayeli;


Bagaheza bagahita nk’umuyaga, bagakomeza inzira, ar’ abanyabicumuro; kand’ inkomezi zabo bāzigize imana yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite