Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ntimwidodomberanire, bene Data, kugira ngo ntimucirwekw iteka: eh’ Umucamanza ahagaze ku rugi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Bene Data, ntimwidodomberanire, kugira ngo ntimuze mutsindwe n’urubanza. Umucamanza ari ku rugi.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:9
21 Referans Kwoze  

Ntihaze hagire uwihōra, cank’ ūbīkira inzigo abo mu bgoko bgabo; ariko mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda: ni jewe Uhoraho.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.


Nuko namwe, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muze mumenye kw ari hafi, ku rugi.


Muhāne indāro mutidodomba.


Ni wakora neza ntuzokwemerwa? ariko n’utākora neza, icaha kibunze ku rugi: kandi ni wewe cifuza, arik’ ukwiye kukinesha.


Ntitwifate uko tutari, ngo twandurutsanye, tugiriranire ishari.


mugabo ni bo bazobazwa ivyo n’uwiteguye kuzoca imanza z’abakiriho n’abapfuye.


Kukw ivyagezwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.


Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.


nuko namwe ni mwabona ivyo bibaye, muze mumenye kw ari hafi, ku rugi.


Umuntu wese atange nk’ukw abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’ atagōberewe, kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.


Ni co catumye Herodiya amugirira akazīka, agomba kumwica, ntiyaronka uburyo:


Bahunahuna hose barondera inyama; Ni batāhāga bakesha ijoro.


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


Igihe kirashitse, umusi uri hafi: umuguzi areke kunezerwa, n’ūguzweko areke kuganya; kuk’ uburake bushitse ku masinzi yabo yose.


Ūshinga ivyagezwe, ari we mucamanza, n’Imwe gusa; ni yo ishobora kurokora no guhonnya: ariko wewe ur’ iki, uhinyura mugenzawe?


Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana.


Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite