Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko namwe mwihangane, mureme mu mitima, kuk’ ukuza kw’Umwami kuri hafi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Namwe nimwihangane kandi muhagarare mushikamye, kuko ukuza k’Umwami kuri hafi.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:8
24 Referans Kwoze  

Ntimwidodomberanire, bene Data, kugira ngo ntimucirwekw iteka: eh’ Umucamanza ahagaze ku rugi.


Arikw ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa,


Uhwekerere imbere y’Uhoraho, umurorēre wihanganye: Ntuhagarikwe umutima n’ ūguwe neza mu rugendo rwiwe, N’umuntu ashitsa imigabo mibi.


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


Ubugwaneza bganyu bumenywe n’abantu bose; Umwami wacu ari hafi.


Ni witege Uhoraho: Rema, umutima wawe uhūmure: Nuko, ni witege Uhoraho.


Ūshingira intahe ivyo, aravuga, at’ Ego me, ndaza vuba. Amen, urakaza, Mwami Yesu.


kugira ngw aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y’Imana yacu ni yo Data wa twese, iz’ isangwe irtyo ah’ Umwami wacu Yesu azozananira n’abera biwe bose.


Ariko jeho nzohanga amaso Uhoraho; nzokwitega Imana y’ agakiza kanje: Imana yanje izonyumva.


Umwami arōngōre imitima yanyu, ayerekeze ku rukundo rw’Imana no ku kwihangana kwa Kristo.


Yamara ko twiteze ico tutarabona, nuko tukirorēra twihangana.


Nditeze Uhoraho, umutima wanje uramwiteze, Kand’ ijambo ryiwe ni ryo nizigiye.


kandi ngo mwitege Umwana wayo kw ava mw ijuru, umwe yazura imukuye mu bapfuye, ni Yesu, adukiza uburake bugira buze.


Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.


Ewe Uhoraho, niteze agakiza kawe!


Igihe kirashitse, umusi uri hafi: umuguzi areke kunezerwa, n’ūguzweko areke kuganya; kuk’ uburake bushitse ku masinzi yabo yose.


Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu.


Yesu aramwishura, ati Namba ngomba kw azogumaho kugeza aho nzozira, upfa iki? Wewe nkurikira.


Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira?


izahabu n’ifeza vyanyu binyengeterewe n’ingese: ingese zavyo zizoba icabona co kubāgiriza, zizonyengetera imibiri yanyu nk’umuriro. Mwārundanije mu misi y’umuhero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite