Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko rero bene Data, mwihangane gushika aho Umwami wacu azozira. Raba ingene umurimyi arindira ko umurima wiwe wera ivyimburwa kandi arorera yihanganye imvura y’agatasi n’iy’impeshi.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:7
32 Referans Kwoze  

Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’ agatāsi n’iy’ urushana nk’ubga mbere.


Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.


igihugu canyu azokirekurira imvura mu bihe vyayo, imvura y’agatāsi n’iy’ urushana, kugira ngo mubone kwimbura amasaka yanyu n’inzabibu zanyu za vino n’imyelayo yanyu y’amavuta.


mushobozwa n’ubushobozi bgose, nk’ukw inkomezi z’ubgiza bgayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero.


Ni ko vyamubereye: amaze kwihangana ahabga ivyasezeranywe.


Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.


Kuko twebge, mu buryo bga Mpwemu, twiteze ivyizigiro vy’ukugororoka, kubg’ ukwizera.


Nta ho bīvuganya mu mitima, bat’ Enda twubahe Uhoraho Imana yacu, ni yo iduha imvura y’agatāsi n’iy’ urushana, nk’ukw ibihe bihaye ibindi; ni yo itugerera amayinga yashinzwe yo kwimburiramwo.


Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira?


Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’ Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


kugira ngw aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y’Imana yacu ni yo Data wa twese, iz’ isangwe irtyo ah’ Umwami wacu Yesu azozananira n’abera biwe bose.


Nk’uk’ umuravyo urabiriza i burasirazuba ukabonekera iyo rirengera, ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera.


Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.


Uhoraho abe ari we musaba imvura ngw igwe mu gihe c’itasura, muyisabe Uhoraho arema imiravyo; na we azobaha imvura y’umuvuvu, umuntu wese amumereze imirima.


babaza, bat’ Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’ uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi.


twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.


Bituma mutagira ingabire n’imwe muhaza, mwiteze guhishurwa kw’ Umwami wacu Yesu Kristo.


Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Ndababgira yukw izorubacira vuba. Arik’ Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’ azosanga ukwizera mw isi?


Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Ndababgire ukuri: Mur’ aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe.


Yesu aramwishura, ati Namba ngomba kw azogumaho kugeza aho nzozira, upfa iki? Wewe nkurikira.


Ni co catumye iri jambo rikwira muri bene Data, ng’ uwo mwigishwa ntazopfa. Ariko Yesu ntiyamubgiye kw atazopfa, ariko yavuze, ati Namba ngomba kw agumaho kugeza aho nzozira, upfa iki?


Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.


izahabu n’ifeza vyanyu binyengeterewe n’ingese: ingese zavyo zizoba icabona co kubāgiriza, zizonyengetera imibiri yanyu nk’umuriro. Mwārundanije mu misi y’umuhero.


Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite