Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 izahabu n’ifeza vyanyu binyengeterewe n’ingese: ingese zavyo zizoba icabona co kubāgiriza, zizonyengetera imibiri yanyu nk’umuriro. Mwārundanije mu misi y’umuhero.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Inzahabu n’ifeza vyanyu vyaguye ingese kandi ingese zavyo zizobatsindisha kandi zibarye bwa muriro. Mwirundanirije ubutunzi mu misi ya nyuma.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:3
19 Referans Kwoze  

Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugingo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro.


Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’ amahanga yose azosendanisha aja kuri wo.


irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo,


kand’ ijambo ryabo rizorandagurana nk’igisebe c’igitema. Mur’ abo umwe ni Humenayo na Fileto,


Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’ iyindi mirambi; kand’ amoko azosendanisha aja kuri wo.


kandi mukarya inyama z’abantu banje, mukababāgak’ urukoba, mukabajanjagura amagufa, mukabatimbagura nk’izo gushira mu nzīhebe, nk’inyama zo gushira mu nkono!


Nzotuma barya abahungu babo n’abakobga babo, umuntu wese aryekw inyama mugenzi we, kubgo kwugarizwa no gusugerezwa, basugerejwe n’abansi babo n’ababahīga ngo babice.


Yaransūmiye, bihinduka ibinyagiriza: Kunanuka kwanje kwankūriye hasi, kuranyagiriza imbonankubone.


Yosuwa abarira abantu bose, at’ Ehe rāba, iri buye ritubereye icagirizi, kuko ryumvise amajambo yose Uhoraho atubariye; ni co gituma ribabereye icagirizi, kugira ngo ntimuze mwihakane Imana yanyu.


Yakobo ahamagaza abana biwe, arababarira, ati Ni mukoranire hamwe, ndabamenyeshe ibizobabako mu misi izoza.


Iki kigūngūzi ni kibe icabona, n’iyi nkingi na yo nyene n’ibe icabona, yuko ntazorenga iki kigūngūzi nzanywe no kukugirira nabi, nawe k’utazorenga iki kigūngūzi n’iyi nkingi uzanywe no kungirira nabi.


Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro.


Labani aravuga, at’ Iki kigūngūzi kibaye icabona hagati ya twe nawe uyu musi. Ni co catumye citwa Galedi:


ati Bizoba mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose: Kand’ abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, N’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N’abatāma banyu bazorota inzozi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite