Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Bene Data, mu vyo kwihanganira imibabaro, mufatire akarorero ku bavugishwa n’Imana bavuga mw’izina ry’Umwami Imana.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:10
19 Referans Kwoze  

Mwibuke abābaganza, bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo.


Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:


Arikw ijuru rikwiye kumwākīra, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere.


Uwo musi muze munezerwe mwitere hejuru, kukw impēra yanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko ba sekuruza babo bāgize abāvugishwa n’Imana.


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Maze Hezekiya yishura Yesaya, at’ Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza. Yongera kuvuga, ati Kazima hagiye kuba amahoro n’umutēkāno nkiriho.


Ariko bagashinyagurira izo ntumwa z’Imana, bagakēngēra amajambo yayo, bagatwenga abo yavugisha, gushitsa ah’uburake bg’Uhoraho bgabaye ku bantu biwe, butagishobora kugarurwa.


Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.


Maz’ abaganwa n’abantu bose babarira abaherezi n’abo ba kamenyi, bat’ Uyu muntu ntakwiye gupfa, kukw atubariye mw izina ry’Uhoraho Imana yacu.


Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.


Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.


Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana.


Ntimwidodomberanire, bene Data, kugira ngo ntimucirwekw iteka: eh’ Umucamanza ahagaze ku rugi.


Muri mwebge ni haba harih’ ūbabaye, n’asenge; namba harih’ ūroraniwe, n’aririmbe ishimwe;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite