Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ubu na ho nimunyumve, yemwe batunzi, murire muboroge kubera ivyago bigiye kubashikako.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 5:1
36 Referans Kwoze  

Uwizigira ubutunzi bgiwe azotemba, Arikw abagororotsi bazototahara nk’ikibabi kiremvye.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umunyabgenge yoye kwirata ubgenge bgiwe, cank’ umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwe, cank’ umutunzi ngo yirate ubutunzi bgiwe;


Itunga ntirigira ikimazi ku musi w’uburake, Arik’ ubugororotsi bukūra mu rupfu.


Kukw izuba rirasa, rizanye indugumba, rikūmisha ivyatsi, amashurwe yavyo agahunguruka, ubgiza bg’ishusho yayo bugashira. Uko ni k’umutunzi azoyonga mu ngendo ziwe.


Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.


Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza ku musi w’uburake bg’Uhoraho; arikw isi yose izomarwa n’umuriro w’ifūhe ryiwe: kukw ababa kw isi bose azobaherengeteza rwose giturumbuka.


Ni muboroge, kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Umve rero, yemwe abavuga ng’ Uyu musi cank’ ejo tuzoja mu gisagara c’i naka, tuzomaray’ umwaka, tudandaze, turonke inyungu:


Ariko mweho mwatētereje umworo. Non’ abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza?


Ariko Yeshuruni amaze kuvyibuha, atēra akagere: Yaravyibushe, arasenyuka, acika igisēme; Maz’ aca areka Imana yamuremye, Akēngēra ca Gitandara c’ agakiza kiwe.


Ni mujorerwe, yemwe barimyi, namwe abarimyi b’uruzabibu, ni muboroge, muririre ingano na sayiri; kukw ivyimburwa vyo mu ndimiro bibuze.


Ni mwikangure, yemwe mborerwa, murire; namwe abakāmīra vino, muboroge, muririre vino ziryoshe, kuko zikūwe mu kanwa kanyu.


uti Nyoko yar’ iki? Yar’ intambge y’ingore: yigaramangira mu zindi ntambge, ikonkereza ibibunda vyayo hagati mu migunza y’ intambge.


Kubg’ ivyo mukenyere amagunira, mucure umunihiro, muboroge: kuk’ uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho, budasubiye inyuma ngo bubaveko.


Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.


Yemwe baherezi, mukenyere amagunira, murire; namwe abasukūra ku gicaniro, ni muboroge; enda ni muze mukēshe ijoro mwubaraye, mwambaye amagunira, yemwe basuku b’Imana yanje: kukw ishikanwa ry’ifu n’ibiturire vyimanywe ngo ntibize mu ngoro y’Imana yanyu.


Uhoraho, uwukize abantu, uwukirishije ukuboko kwawe; Ni bo bantu b’isi, umugabane wabo uri mur’ ubu bugingo. Inda zabo ziragahāga ivyo wababīkiye, Abana babo barakabihāga, Barakabisigariza n’ibibondo vyabo!


Bagenda mu nzira zabo bacoceye amagunira; hejuru ku nzu zabo no ku nama umuntu wese araboroga, yiyuha iryosozi.


riti Mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ni muboroge, muti Yō! Ewe wa musi wo kuzobona ibara!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite