Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Mubabare mugandare kandi muboroge kubera ivyo mwakoze. Ibitwengo vyanyu mubihindure ikigandaro kandi n’umunezero wanyu muwuhindure umubabaro.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:9
25 Referans Kwoze  

Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.


No mu gutwenga umutima ushobora kubabara, Kand’ iherezo ry’ibitwengo rikaba amaganya.


Muzobona ibara, mwebge muhāze none; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebge mutwenga none; kuko muzoboroga murira.


Ntarababazwa narazimira; Ariko noneho nitondera ijambo ryawe.


kugira ng’ ubone kwibuka, utētērwe, ntukūreko n’umunwa, kubg’ isoni uzoba ufise, ni naheza kuguharira ivyo wakoze vyose, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Arikw abacitse bo muri bo bazocika bakire, bazoba ku misozi bameze nk’inuma zo mu myonga, bose bazoba bacura intimba, umuntu wese kubg’ ibigabitanyo vyiwe.


Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’ amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.


Ni co gitumye inanga yanje isigaye ar’ agacurantimba, N’umwironge wanje ugahinduka ijwi ry’abarira.


Hahirwa mwebge mushonje none, kuko muzohāzwa. Hahirwa mwebge murira none, kuko muzotwenga.


Umunezero wo mu mitima yacu urashize; Imvyino zacu zahindutse amaborogo.


Ni ho inkumi izonezerezwa n’ imvyino, n’abasore n’abatāma bose hamwe: kukw ikigandaro cabo nzogihindura umunezero, nzobīrūra, mbanezereze mbakūye mu mubabaro wabo.


Bazoza barira, kandi nzobarōngōra banyinginga, nzobacisha i ruhande y’inzūzi zuzuye, mu nzira igororotse aho batazotsitara; kuko Isirayeli namubereye se, Efurayimu n’imfura yanje.


Navuze ku bitwengo, nti Birasaze, no ku binezereza, nti Bimaze iki?


Kubabazwa kwangiriye ikimazi, Kugira ngo nige ivyo washinze.


Amaso yanje asendanisha inzūzi z’amazi, Kuko batitondera ivyagezwe vyawe.


Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, umunyabgenge w’ivyanditswe, n’Abalewi ari bo bigisha abantu, baraheza bababgira bose, bat’ Uyu musi n’ uwo Uhoraho Imana yanyu yejeje, nta co mubabara kandi reka kurira; kukw abantu bose bariko bararira, aho bumviye amajambo y’ ivyagezwe.


Baramwishura, bat’ Abo babi azobica rubi, uruzabibu arusigarane abandi barimyi, bazohora bamuha inzabibu igihe cazo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite