Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:8
44 Referans Kwoze  

Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose, Y’abamwambaza mu vy’ukuri bose.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabgirizwa yanje, ntimuyitondere. Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. Yamara muravuga, muti Twogaruka mu buryo ki?


Kubg’ ivyo uz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mungarukeko, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


aja gusanganira Asa, aramubarira, ati Ni muntege amatwi, yewe Asa, mwe n’Abayuda n’Ababenyamini mwese: Uhoraho azokomeza kubana namwe ni mwakomeza kubana na we, kandi ni mwamurondera muzomubona; ariko ni mwamuheba na we azobaheba.


Ewe Yerusalemu, ni wuhagire umutima wawe ivyaha, kugira ng’ ukizwe. Uzogeza ryari kwama usembereza ivyiyumviro vyawe bibi mu mutima?


Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera.


Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye.


(kukw ivyagezwe bitigeze kugira ico bihīngūra rwose) hasubizwah’ ivyizigiro bikiruta, biduhesha kwegera Imana.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


Ni mute kure ibicumuro vyanyu vyose mwacumuye, mwironkere umutima musha n’impwemu nsha: n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Ariko jeho kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe: Umwami Uhoraho ni we ngize ubuhungiro, Kugira ngo namamaze ibikorwa wakoze vyose.


Kandi nawe, mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ ukunze; kuk’ Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose. Ni wamurondera uzomubona, ariko ni wamuvako, azoguheba gushitsa ibihe vyose.


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


Arik’ umugororotsi azokomerera mu nzira yiwe, N’ūfise amaboko yiziguye azokwama yunguka inkomezi.


Ni mube muvuga igiti kw ari ciza n’ivyo camye kw ari vyiza, canke mube muvuga igiti kw ari kibi n’ivyo camye kw ari bibi; kukw igiti kimenyekanira ku vyo camye.


Nuko ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.


Umwami Imana aravuga, at’ Aba bantu ko bahora baza hafi yanje, bazanye akanwa kabo gusa, bakanyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo bakayishira kure yanje, n’ukunyubaha kwabo kukaba ar’ icagezwe bigishijwe n’abantu.


N’ūfise amaboko akeye n’umutima utanduye, Atigeze kwerekeza umushaha wiwe ku vy’ukubesha, Ntarahire ibinyoma.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


Uhoraho yangereye ibikwiranye n’ukugororoka kwanje, Nk’ukw amaboko yanje atanduye, ni ko yangiriye.


kukw ar’ umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose.


Nzokaraba mu kudacumura, Ni ho nzobona gukikuza igicaniro cawe, Uhoraho;


ntiyashirah’ itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera.


Maze Aburahamu aramwegera, aramubaza, ati Mbega none worandurana abagororotsi n’abanyavyaha?


Nah’ ata muryano wari mu maboko yanje, Kand’ ugusenga kwanje kukaba kwari gutunganye.


bati N’iki gitumye abigishwa bawe barenga imigenzo twabgirijwe n’aba kera, ntibakarabe iyo bagira barye?


Ico gihe hazobarirwa ubu bgoko n’i Yerusalemu, ng’ Umuyaga w’indugumba uturutse mu ruharabuga rwo ku mpinga z’imisozi yo mu bugaragwa uje utōmereye wa mukobga, ari bo bantu banje, kandi ntuzoba nk’uwo gutumura umuguruka cank’ uwo kugosora intete;


Naho nokwiyuhagiza shelegi, Ngakaraba isabuni;


Uwo bazobona wese bazomusogota, kand’ ūzofatwa mpiri wese bazomwicisha inkota.


N’ukuri nogereje ubusa umutima wanje, Ukudacumura nagukarabiyemw’ ubusa.


Maze Pilato abonye kw arushwa n’ubusa, ariko ko barushirije kuvyura umugūmūko, yābīra amazi akarabira imbere y’ishengero, ati Jeho ndacuna kubg’ amaraso y’uyu mugororotsi: n’ivyanyu.


Maze Sauli yubakira Uhoraho igicaniro; kand’ ico gicaniro ni co ca mbere yubakiye Uhoraho.


Nanka ab’ imitima ibiri; Arikw ivyagezwe vyawe ndabikunda.


Mugabo bandondera uko bukeye, banezererwa kumenya inzira zanje; nk’ihanga ryakora ivy’ ukugororoka, ntirireke ivyagezwe vy’ Imana yabo, ni ko bansaba ivyagezwe vyo kugororoka, bakanezererwa kwēgēra Imana.


Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.


Umusi nagutakambira waranyegereye; uravuga, uti Nta co utinya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite