Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko, mwicishe bugufi imbere y’Imana. Mugwanye wa mubi, na we azobahunga.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:7
32 Referans Kwoze  

kandi ntimuhe wa Murwanizi icicaro.


Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ ibashire hejuru mu gihe gikwiye.


Kandi twari dufise ba data b’imibiri, bāradukāngīra, natwe tukabubaha: none ntituzorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho?


Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana.


Mubgire Imana, mut’ Ereg’ ibikorwa vyawe biteye ubgoba! Ubushobozi bgawe bginshi buzotuma abansi bawe bose bakwunamira baguhema.


ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.


Ngo None rero mweho ntimugamike amazosi nka ba sogokuruza banyu, ariko muyoboke Uhoraho, muze muze mu rusengero rwiwe yejeje gushitsa ibihe vyose, mube abasavyi b’Uhoraho Imana yanyu, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi bubaveko.


mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’ umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.


Mugamburukanire, kuko mwubashe Kristo.


Kubg’ Umwami wacu, ubukuru bgose bgashizweho n’abantu mubugamburukire: ar’ umwami, kukw ari we gaheta;


Na ho ni yambarira ngo sindamuhimbaye; ehe ndi hano: n’angire ukw agomba.


ng’ Uzokwirukanwa mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba, uzorisha nk’inka, uzotondwako n’urume ruva mu kirēre, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’ abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Enda ni wāmire ca gikōko co mu rufunzo, N’amapfizi menshi n’inyana zo mu mahanga, Gushitsa aho bazogukomera amashi, bakugororere amafeza: Sābagiza amahanga ahimbarwa n’intambara.


Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.


Barira umwami n’umugabekazi, uti Ni mwicishe bugufi, mwicare hasi, kukw ibitsibo vyanyu bishajije mwambaye mu mutwe biriko birakoroka.


Kuko handitswe, ngo Nk’uko ndiho, ni k’Uhoraho agize, amavi yose azompfukamira, N’indimi zose zizovuga ishimwe ry’Imana.


Nuko, mwami Agiripa, sinanka kwumvira ivyo neretswe vyavuye mw ijuru.


ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora.


Urirukanywe mu bantu, ubane n’ibikōko vyo mw ishamba; uzorisha nk’inka, kand’ ibihe ndwi bizogukūranirwako ukimeze urtyo; gushitsa ah’ uzomenyera kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, ikabugabira uwo igomba wese.


Kubg’ ivyo mwābīre ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite