Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko ubuntu iduha burarengeye. Ni co gituma Ivyanditswe bivuga ngo: “Imana igwanya abibona ariko ikagirira ubuntu abaciye bugufi.”

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:6
34 Referans Kwoze  

Ūzokwishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ ūzokwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


N’ukuri yitamba ku muvyimba abacokoranyi, Arikw agirira ubuntu abicisha bugufi.


Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.


Uwishira hejuru mu mutima, agatikizo azogasanga imbere, Kand’ ukwicisha bugufi kuzosanga imbere icubahiro.


Kuko nah’ Uhoraho ahambaye, ashira umutima ku bafafara, Arikw abībone abamenyera kure.


Ubgibone bg’umuntu buzomusubiza hasi, Arik’ uw’ umutima uciye bugufi azoronka icubahiro.


Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho Ni zo butunzi n’icubahiro n’ubugingo.


Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Kand’ agakēngērwe k’abantu kazosubizwa hasi, n’ubgibone bg’abahambaye buzocishwa bugufi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.


Ni bagutsinda hasi uzovuga, uti Har’ ikimvyutsa; Kand’ uwicisha bugufi Imana izomukiza.


Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Noneho jewe Nebukadineza nshima Umwami wo mw ijuru, ndamutazira, ndamwubaha; kukw ibikorwa vyiwe vyose ar’ ivy’ ukuri, kand’ inzira ziwe ar’ iziroranye; arikw abagendera mu bgibone ashobora kubacisha bugufi.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Yirukanye abaganza ku ntebe zabo, Yashize hejuru abafafara.


Ukwubaha Uhoraho kwigisha ubgenge, Kand’ ukwicisha bugufi kwitangira imbere y’ukwubahwa.


Maz’ abonye kw ashitse mu magorwa, yinginga Uhoraho Imana yiwe, yicisha bugufi ashika hasi imbere y’Imana ya ba sekuruza.


Ntimukongere kuvuga ivy’ ubgibone murtyo, Ivy’ amanyama ntibigaturuke mu kanwa kanyu; Kuk’ Uhoraho ar’ Imana izi vyose, Ni yo igera ibikorwa vy’abantu nko ku munzane.


ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, ari yo Mana, igihe wumva amajambo yavuze ku vy’ aha hantu bo n’ abahaba, ng’ Ukicisha bugufi imbere yiwe, ukītantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


Ariko Hezekiya yicisha bugufi, yihana ubgo bgibone bgo mu mutima wiwe, ubgiwe n’ababa i Yerusalemu, bituma uburake bg’Uhoraho butabashikīra ku ngoma ya Hezekiya.


Kuk’ ūfise azohabga, bikamucagatira; arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ asanzwe afise.


Ntiyicisha bugufi imbere y’ Uhoraho, nk’uko se Manase yicishije bugufi, ariko Amoni uwo agenda arushiriza gucumura.


Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako.


Mbaye ndagutaye akanya gato, ariko nzokwiyegereza ngufitiye imbabazi nyinshi.


Kuk’ ūhōra amaraso abibuka, Ntiyibagira ugutakamba kw’ abaciye bugufi.


Kandi n’ivy’ isengesho ryiwe, n’ ingene yemerewe, n’ivy’ ivyaha vyiwe vyose n’ugucumura kwiwe, n’ivy’ ahantu hose yatavye ibitabo, akahashinga inkingi za Ashera n’ibishushanyo bibājwe, ataricisha bugufi, ivyo vyanditswe mu majambo ya Hozayi.


Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite