Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Yemwe basambanyi! Ntimuzi ko gukunda ivy’isi ari ukuba umwansi w’Imana? Uwuhisemwo gucudika n’isi aba abaye umwansi w’Imana.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:4
24 Referans Kwoze  

Kuko kwitwaririka ivy’ umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n’Imana, kandi kudashobora kuvyumvira.


Mbeg’ ubu n’ishimwe ry’abantu ngomba, canke n’iry’ Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba nd’umugurano wa Kristo.


Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Nabahaye ijambo ryawe; kand’ ab’ isi barabanka, kukw atar’ ab’ isi, nk’uko nanje ntar’ uw’ isi.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.


Ab’ igihe kibi c’ubumaka barondera ikimenyetso, kandi nta kimenyetso bazohabga, atar’ ikimenyetso ca Yona. Abasigaho, arīgīra.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’ Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye.


Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.


Kukw abakuja kure bazoranduka; Wahoneje abakuretse bose bagacika ibimaka.


Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.


Arabishura, at’ Ab’ urunganwe rubi rw’ubumaka barondera ikimenyetso; kandi nta kimenyetso bazohabga, atar’ ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.


Ukuboko kwawe kuzoserangura ababisha bawe bose; Ukuboko kwawe kw’i buryo kuzoserangura abakwanka.


Icompa nkaja mu bugaragwa mu ndāro y’abahita, kugira ngo nte ubgoko bgacu, ndabuvemwo! Kuko bose ar’ abasambanyi, bakaba umuhari w’abagabo baryarukana.


Ni mwīgire hino, mwa bana b’umurozikazi, mwa ruvyaro rw’ umusambanyi n’umusambanyikazi.


Iy’ ubonye umusuma, wemeranya na we, Kandi wifatanya n’abasambanyi.


riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto.


Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


Ewe wa mugore usambana kand’ ufise uwawe! Ukemerera impirahisi mu gishingo c’umugabo wawe!


Umunyabgenge ari hehe? Umwanditsi ari hehe? Umunyabihāri wo mur’ iki gihe ari hehe? Mbeg’ Imana ntiyahinduye ubupfu ubgenge bg’iyi si?


Kuko nah’ ubgenge bg’Imana bgageze yukw ab’ isi batazohabga n’ubgenge bg’isi kumenya Imana, Imana yahimbawe gukirisha abayizera ubupfu bg’ivyigishwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite