Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Mbere n’iyo musavye ntimuhabwa, kuko musaba mufise intumbero mbi, mushaka gukoresha ivyo muronse mu bihimbaro vyanyu.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:3
25 Referans Kwoze  

Kand’ ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’ igomba, itwumva.


kand’ ico dusaba cose tugihabga na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo.


Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?


Maze namwe har’ igihe muzotakambira Uhoraho, ntabishure, mber’ azobahisha mu nyonga hiwe ico gihe, nk’uko namwe mwagize nabi mu vyo mwakoze.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Uwiziba amatwi umugorwa atakamba, Na we nyene azotakamba ntiyumvirizwe.


Nuko barataka, ariko nta wugira ico abishura, Bitewe n’ubgibone bg’abantu babi.


Kandi nk’uko nahamagaye bakica amatwi, ni ko na bo bazohamagara nanje nkica amatwi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize;


Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu.


Maze Yesu arabishura, ati Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe nnywerako, canke kubatizwa umubatizo mbatizwa jewe?


Yesu arishura, ati Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe jewe ngira nnywereko? Na bo bati Turashobora.


None rero ntusengere ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ ubasabire; kuko ntazobumva igihe bazontakambira babonye ivyago vyabo.


Ikimazi abanyakibi batanga kirasesema: Mbeg’ iy’ akizananye umutima mubi, ntikirushiriza kuba igisesema?


Ni ho bazontakambira, ariko sinzobishura; Bazondondera ubudahumeka, ariko ntibazombona:


Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


Baratakamvye, ntihagira ūbakiza; Batakambiye Uhoraho, ntiyabishura.


Nuko rero nzobazanakw ivyago batazoshobora gukira, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazontakambira, ariko sinzobumva.


Maz’ uyo mwana wawe aje, yakomvye ivyawe abisambanisha, umubāgira ishūri inuze.


Nukw Imana iramubarira, it’ Ivyo kw ari vyo usavye, ukaba udasavye kuramba, canke ng’ usabe ubutunzi, canke ng’ usabe kw abansi bawe bapfa; arik’ ukaba wisabiye ubgenge bgo guca imanza neza;


Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite