Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yakobo 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Murifuza, ariko ntimuhabga: murica, mugira ishari, ariko ntimushobora kuronka; murarwana muratabara. Ntimuhabga kuko mudasaba:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Murashaka kuronka ikintu ntimukironke, mugaca mwica kugira ngo mukironke. Muripfuza, ariko ntimushobora kuronka ico mwipfuza, mugaca mutongana mbere mukanagwana. Ntimuronka ivyo mukeneye kuko mutabisaba Imana.

Gade chapit la Kopi




Yakobo 4:2
14 Referans Kwoze  

Kugeza ubu nta co mwasavye mw izina ryanje; musabe muzohabga, ng’umunezero wanyu wuzuzwe.


Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


Uko ni kw inzira zimeze z’ umuntu wese w’ikirara ku nyungu: Inyungu ikūrah’ ubugingo bga ba nyene yo.


Kand’ ikindi, abo bantu n’imborerwa, n’abantu bihayagiza, bataragama i wabo; baromoye nk’i kuzimu, bameze nk’urupfu, ntibahāga; ariko biyegeranirizakw amahanga yose, bakikumakumirakw amoko yose.


Ariko Ahazi arishura, ati Sinocaka, kandi sinogerageza Uhoraho.


Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.


Umugororotsi mwamuciriyekw iteka, muramwica, ntiyabarwanya.


Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi; kandi murazi yukw ata mwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muri we.


Aramwishura, at’ Ikimbabaje n’uko nabariye Naboti w’i Yezireli, nti Mpa urwo ruzabibu rwawe ndarugure, nti Canke ndaguhe urundi mu gishingo carwo; akambarira kw atampa uruzabibu rwiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite